Ivyo Imana igomba vyoba biriko birakorwa?
“Ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”.—Matayo 6:10.
JULIO na Christina baritegereje n’ikinya n’akantu ingene bane mu bana babo basha bagatokombera. Umuduga wabo bari bahagaritse ahantu warasetswe n’umushoferi yaborewe hanyuma uca urarurumba. Umwana wa gatanu yitwa Marcos, yarokowe muri iryo tanure, ariko urubeya rwari rwamubabaguye rumuhindura isura ubutakivayo. Yari afise imyaka icenda. Se wiwe yarishwe n’umubabaro. Yariremesheje yongera aremesha umuryango wiwe mu kuvuga ati: “Ibi ni Imana yabishatse. Dukwiye gutahura yuko vyaba ivyiza, vyaba ibibi, vyose ari yo ibigira”.
Igihe abantu benshi bashikiwe n’ibintu bibabaje nk’ivyo, ukwo ni ko baca bavuga. Biyumvira ngo ‘niba Imana ari mushoboravyose kandi ikaba itubabaye, ivyashitse bitegerezwa kuba hari ukuntu vyabaye ku bw’ineza yacu, naho nyene bitoroshe gutegera’. Woba ari ukwo nawe ubibona?
Iciyumviro c’uko ibiba vyose, vyaba vyiza canke bibi bigaragaza ivyo Imana igomba, akenshi gishingira ku majambo ya Yezu yasubiwemwo aho haruguru ari muri ca gisabisho citwa Dawe wa Twese. Ivyo Imana igomba biriko birakorwa mw’ijuru. Si ko none? Igihe dusenga tuvuga ngo “ivyo ugomba bibe mw isi”, ubwo none ntituba twemeye yuko ibiriko biraba ngaha kw’isi ari igomba ry’Imana?
Benshi barabura ico bafata n’ico bareka kuri ico ciyumviro. Kuri bo, ivyo vyerekana ko Imana itanegwa inyiyumvo abantu yaremye bagira. Babaza bati: “Imana munyarukundo yokwipfuza gute yuko abantu ata co bazira bashikirwa n’ibintu biteye ikinya? Nimba ibireka kugira tuvyigireko, none ico cigwa coba ari ikihe?”. Kumbure ukwo ni ko ubibona.
Ku bijanye n’ivyo, umwigishwa Yakobo yavukana na Yezu kuri nyina, yanditse ati: “Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha” (Yakobo 1:13). Ikibi ntigikomoka ku Mana. Bica vyibonekeza rero ko ibiba ngaha kw’isi vyose muri kino gihe atari Imana iba yabigomvye. Ivyanditswe kandi biravuga ko hariho igomba ry’umuntu, igomba ry’amahanga eka mbere n’igomba rya Shetani (Yohana 1:13; 2 Timoteyo 2:26; 1 Petero 4:3). Woba wemera yuko ivyashikiye umuryango wa Julio na Christina bishobora kuba vyavuye kw’igomba ry’Umuvyeyi munyarukundo wo mw’ijuru?
None Yezu yashaka kuvuga iki igihe yigisha abigishwa biwe gusenga bavuga bati: “Ivyo ugomba bibe”? Kwoba kwari ugusaba gusa ko Imana ihaseruka igatabara mu bintu bidasanzwe? Canke Yezu yoba yariko aratwigisha gusaba ikintu kirushirije kuba igihambaye kandi kirushirije kuba ciza, ni ukuvuga ihinduka abantu bose bashobora kwizigira? Nimuze turimbure ibindi Bibiliya ivuga kuri ivyo.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]
Umuduga: Dominique Faget-STF/AFP/Getty Images; umwana: Ifoto ya FAO/B. Imevbore