Ukwizera kwoba gushobora gukiza uwurwaye?
IYO turwaye, turarondera kuruhurirwa no gukira. Kumbure, urazi yuko muri Bibiliya havuga incuro n’izindi ko Yezu Kirisitu yakijije indwara z’ubwoko butandukanye, akaruhurira abantu benshi barwaye. Vyashoboka gute? Bibiliya ivuga yuko vyava ku “bubasha bw’Imana” (Luka 9:42, 43, UB; Ivyakozwe 19:11, 12). Impwemu yera iva ku Mana rero ni yo yatuma haba ukwo gukira, si ukwizera kw’umuntu kwonyene (Ivyakozwe 28:7-9). Ico ni co catumye Yezu adasaba abarwaye kugaragaza ko bamwizera kugira ngo bakizwe.
Wokwibaza uti: ‘Ugukiza abantu ku gitangaro coba ari ikintu co muri kahise, canke ugukiza abantu nka kumwe Yezu yagira kwoba kukibaho? Ni icizigiro ikihe kihari ku bantu bariko baracumukuzwa n’indwara ibabaza canke idakira?’.
Bibiliya irasigura yuko mw’isi nshasha y’Imana y’ubugororotsi, ububasha bw’Imana buzosubira gutuma haba ugukiza abantu ku gitangaro nka kumwe Yezu yagira mu gihe yari kw’isi. Ivyabona vya Yehova bo mu karere iwanyu bazohimbarwa no kukwereka ingene Imana izoshitsa ikintu ata muntu n’umwe asengera abarwaye yopfuye agize, ni ukuvuga gukuraho indwara zose hamwe n’urupfu, bongere bakwereke n’igihe bizoshikira. Emwe, Imana ‘izomira miyonzwa urupfu gushitsa ibihe vyose’.—Yesaya 25:8.