Ubwiza bw’ibiremwa vya Yehova
‘Ibiti vya Yehova birahaga’
WOBA urahagarara mu kibira imishwarara y’izuba iriko irasira mu biti birebire? Woba warashoboye kwumva uguhurira kw’umuyaga igihe wahuhuta mu mababi?—Yesaya 7:2.
Mu turere tumwetumwe tw’isi, mu kiringo kanaka c’umwaka, amababi y’ibiti bitandukanye usanga ku bwa ngingo akabirana akagira ibara ritukura, irya oranje, iry’umuhondo be n’ayandi mabara. Emwe, ni nk’aho ikibira coba kidometswe! Mbega ukuntu ivyo bihuye neza n’aya majambo agira ati: “Ni muturike muririmbe, mwa misozi mwe, nawe kibira, n’igiti cose kirimwo”.—Yesaya 44:23a.
Hafi ica gatatu c’ubutaka bw’umubumbe w’isi buriko amashamba. Amashamba n’ibinyabuzima vyinshi biri muri yo biraninahaza mu buryo butangaje nyene kubishiraho akaba n’Umuremyi wavyo ari we Yehova Imana. Umwanditsi wa Zaburi yahumekewe yaririmvye ati: “Ni mushime [Yehova] . . . namwe biti vyama bigatengengera, n’ibiti vy’amasederi vyose”.—Zaburi 148:7-9.
Igitabu Ibiti bidukikije (mu congereza) kivuga giti: “Ibiti ni ntahara mu kubaho kw’umuntu, haba mu buryo bw’umubiri be no mu vy’ugushariza”. Amashamba arakingira amasoko umuntu akuramwo amazi meza, akayazigama akongera agatuma amera neza. Ibiti kandi birayungurura akayaga. Biciye kuri vya bikorwa bitangaje vyitwa fotosenteze bibera mw’ibabi, utugingo ngengabuzima tw’ibabi turafata umwuka bita gaze karubonike usohorwa n’ibihumeka, amazi, ivyunyunyu be n’umuco uva ku zuba tukabihinduramwo ingaburo be n’impemu nziza bita ogisijene.
Ikibira ni akarorero ruheta kerekana ikintu giteye igomwe kandi cahinguranwe ubuhinga. Ibiti bininibinini usanga akenshi biri mu bintu biryoheye ijisho rwose bigize ikibira. Muri ivyo biti hakuriramwo ibishurushuru, urubobi, ingurukizi, uduti be n’ivyatsi vyinshi. Ivyo vyatsi bizeye uburaro n’uburamuko kuri ivyo biti kubera ko bikurira mu gitutu cavyo kandi bikanywa amazi azanwa n’ico kibira.
Mu bibira bimwebimwe bikunda guhungurura amababi, hashobora gukoroka nk’ayashika imiliyoni 25 kuri hegitari imwe y’ikibira mu gice ca nyuma c’umwaka. Bica biyagendera gute? Udukoko, ibizinu, imisiba be n’utundi tunyabuzima, ayo mababi yose amaherezo turayahinduramwo imborera, na yo ikaba ari intabire ngirakamaro y’isi imera. Emwe, nta na kimwe gitabwa igihe abo bakozi batavuga baba bariko barategura isi ku bw’ibindi bizomera.
Ivu ryo mu kibira riba riri munsi y’ayo mababi yahungurutse ribamwo utunyabuzima twinshi cane. Nk’uko igitabu Ikibira (mu congereza) kibivuga, “nk’uturemwa twinshi dushika 1.350 . . . dushobora gusangwa ku gapande k’ubutaka kangana na santimetero 30 z’uburebure, santimetero 30 z’ubwaguke be na santimetero 2,5 z’ubwimbike, kandi aho ntiharimwo udukoko amamiliyaridi tutabonwa n’amaso usanga mu rushi rw’ivu rumwerumwe rwose”. Vyongeye, ikibira kirimwo ibikwega inda hasi, inyoni, udukoko be n’ubwoko bw’ibikoko vyonsa vyinshi. Ni nde akwiye kwitirirwa ivyo vyiza n’ubwo bwoko butandukanye? Birakwiriye kuba Umuremyi wavyo avuga ati: “Ibikōko vyose vyo mu kibira [ni] ivyanje, n’inka zo ku misozi y’ibihumbi”.—Zaburi 50:10.
Ibikoko bimwebimwe vyaremanywe ubushobozi bwibonekeje bwo kumara igihe bidakakaza mu rushana, gutyo bikarokoka urushana rukanye cane be n’ibiringo birebire vy’amapfa. Ariko rero, si ibikoko vyose bifise ubwo bushobozi. Mbere urushana rugeze hagati, ushobora kubona umugwi w’impongo ziriko zisimbagurika mu murima. Impongo ntizifise ububasha bwo kumara igihe zidakakaza, eka mbere ntizibika imfungurwa. Mugabo zirarondera ivyo zirya, zikarisha utumerera canke iminago nk’uko ubibona kuri iyo foto yavuye mu Budagi.
Ubuzima bw’ibiterwa buravugwa cane mu Vyanditswe. Nk’uko inkuru imwe ivyerekana, Bibiliya ivuga hafi ubwoko 130 butandukanye bw’ibiterwa, ushizemwo ubwoko bushika nka 30 bw’ibiti. Mu kuvuga ko aho hantu havuga ivy’ibiti muri Bibiliya hari n’ico havuze, umuhinga mu vy’ibiterwa Michael Zohary agira ati: “Mbere no mu bitabu bisanzwe vyo mw’isi bitanditswe n’abahinga, nta ho umuntu asanga ibiterwa vyo mu mice itandukanye y’ubuzima bivugwa henshi cane nko muri Bibiliya”.
Ibiti n’ibibira ni ingabirano nziza cane ziva ku Muremyi w’umunyarukundo. Niba tumaze kumara umwanya mu gitara c’ibiti, nta gukeka ko twemeranya n’aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Ibiti vy’Uhoraho birahāga, ibiti vy’amasederi vy’i Lebanoni yateye; ivyo inyoni n’ibisīga vyārikakw ivyāri”.—Zaburi 104:16, 17.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2004, janvier-février.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 9]
Kimwe mu biti vyiza cane utoraba vy’ivyamwa umuntu asanga mu Buseruko bwa Hafi, ni igiti citwa shakedi. Mu ntango z’umwaka, emwe, imbere y’ibindi biti vyose, ni ho cikangura ari kwo gushurika. Abaheburayo ba kera igiti ca shakedi bacita igiti cikangura bariko berekeza ku mashurwe yaco ya mbere. Bisa n’uko ico giti cikangura gifise umutamana waco ugizwe n’amashurwe y’umuyugubwe canke yera amota neza.—Umusiguzi 12:5.
Mu bwoko bw’inyoni nka 9.000 buzwi, ubushika nka 5.000 buri mu nyoni ziririmba. Indirimbo zazo ni zo zumvikana mu kibira gitekanye (Zaburi 104:12). Nk’akarorero, ikijuri kiririmba kirafise umuziki uryoheye ugutwi. Inyoni ziririmbana akajwi k’ugucura intimba, nk’iyi ubona hano kw’ifoto, ni inyoni ntonto ziririmba zifise indobeke itangaje y’ibara ry’ikivuvu, ry’umuhondo be n’iry’icatsi kibisi gikeye.—Zaburi 148:1, 10.
[Ifoto ku rup. 9]
Ikibira c’i Normandie mu Bufaransa