Umuryango Yezu yavukiyemwo wari ugizwe na bande?
MU MIHINGO myinshi yo kw’isi, muri Kigarama umuntu arakunda kubona udushushanyo tw’akana Yezu kabungabunganwa ikibabarwe na nyina wako Mariya be na Yozefu, se wako w’umurezi. Udushushanyo nk’utwo twerekana uwo muryango, turakwegera mbere n’abavuga ko atari abakirisu. Kubera yuko ivyo vyose bishingiye kuri Yezu, Ivyanditswe bitubwira iki ku vyerekeye umuryango wa Yezu wo kw’isi?
Ivyerekeye umuryango Yezu yavukiyemwo birashimishije cane. Yavyawe n’isugi yitwa Mariya, gutyo aca avukira mu muryango wo kw’isi. Nk’uko Bibiliya ibivuga, biciye ku mpwemu yera, ubuzima bwiwe bwarakuwe mw’ijuru bwimurirwa mu nda ya Mariya (Luka 1:30-35). Imbere y’uko bimenyeshwa ko Yezu yosamwe ku gitangaro, Mariya yari amaze kureshwa n’umugabo yitwa Yozefu, ku bw’ivyo akaba yohavuye aba se-murezi wa Yezu.
Yezu amaze kuvuka, Yozefu na Mariya baravyaranye abandi bana, benewabo na Yezu hamwe na bashikiwe basangiye nyina. Ivyo bigaragarira ku kibazo mu nyuma Abanyanazareti babajije ku vyerekeye Yezu bati: “Mbega si wa mwana w’umubāji? Nyina ntiyitwa Mariya, kand’abavukana na we si Yakobo na Yosefu na Simoni na Yuda? Bashiki biwe ntibar’i wacu bose?” (Matayo 1:25; 13:55, 56; Mariko 6:3) Ivyo bituma dushika ku ciyumviro c’uko umuryango wa hafi wa Yezu wari ugizwe n’abavyeyi biwe, benewabo bane be na bashikiwe n’imiburiburi babiri.
Ariko rero, muri iki gihe hari bamwebamwe batemera yuko benewabo na Yezu hamwe na bashikiwe bavuka kuri Yozefu na Mariya. Kubera iki? Inkoranyabumenyi imwe (New Catholic Encyclopedia) ivuga iti: “Kuva igitangura, Ekeleziya yigishije yuko Mariya yamye nantaryo ari isugi. Ku bw’ivyo, nta nkeka rero ko Mariya atavyaye abandi bana”. Iyo nkoranyabumenyi nyene yemeza yuko amajambo “abavukana na we” na “bashiki biwe” ashobora kwerekeza ku “muntu canke ku bantu kanaka bafitaniye ubucuti bushingiye kw’idini canke ku yindi migenderanire” cabure akerekeza ku ncuti, kumbure ku bavyara, kuri bene sewabo na bene nyinabo.
Vyoba ari ukwo biri koko? Mbere hari abanyatewolojiya b’abagatolika batemeranya n’iyo nyigisho yigishijwe kuva kera, bagashigikira iciyumviro c’uko Yezu yagize benewabo na bashikiwe bavukana ku mubiri. Uwitwa John P. Meier, uwahoze ari perezida w’Ishirahamwe ry’abagatolika rijejwe ivya Bibiliya ryo muri Amerika, yanditse ati: “Mw’Isezerano Rishasha, ijambo adelphos [umuvukanyi], igihe ridakoreshejwe gusa mu mvugo ngereranyo canke mu mpinyanyuro mberanya, ariko rigakoreshwa rishaka kuvuga ubucuti kanaka bwo ku mubiri canke bushingiye ku mategeko, nta kindi riba rishaka kuvuga atari umuvukanyi musangiye abavyeyi bompi canke uwo musangiye umuvyeyi umwe, nta yindi nsobanuro riba rifise”.a Egome, Ivyanditswe birerekana yuko Yezu yari afise benewabo na bashikiwe, bakaba bavyawe na Yozefu na Mariya.
Injili ziravuga ivyerekeye izindi ncuti za Yezu, ariko reka ubu naho twibande canecane ku bagize umuryango wa hafi wa Yezu maze tubone ico dushobora kubigirako.
[Akajambo k’epfo]
a Ikiganiro “The Brothers and Sisters of Jesus in Ecumenical Perspective”, canditswe na J. P. Meier, mu kinyamakuru The Catholic Biblical Quarterly co muri Nzero 1992, urupapuro rwa 21.