Isi itagiramwo ubugizi bwa nabi iri hafi
NIMBA ubishoboye, niwihe ishusho y’isi itagiramwo inkozi z’ikibi! Ntihoba hagikenewe abapolisi, amabohero canke inzego z’ivy’ubutungane zicira imanza inkozi z’ikibi zisaba amahera menshi kandi zigoye. Yoba ari isi aho umuntu wese asonera ubuzima bw’abandi n’ivy’abandi. Ivyo vyoba bishoboka? Hari aho wokwiyumvira gutyo, mugabo iryo hinduka ritangaje ryatuma ibintu bisubira kumera neza ni ryo nyene Bibiliya isezerana. Ni kubera iki none utorimbura ico Ivyanditswe bibura ku bukozi bw’ikibi be n’ibindi bibi biri ngaha kw’isi?
Mu gitabu ca Zaburi, dusoma duti: “Ntugahagarikwe umutima n’inkozi z’ibibi, kandi ntukagirire ishari abakora ivy’ukugabitanya. Kuko bazotemwa vuba nk’ubgatsi, bazokwuma nk’ukw imboga zitotahaye zuma. Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara” (Zaburi 37:1, 2, 11). Mu vy’ukuri, nta n’umwe ashobora kubuza Imana gushitsa uwo muhango be n’iyindi yose yatanze isubiriza umutima mu nda.
Uburyo Imana izokoresha mu gushitsa iyo mihezagiro ni Ubwami bwayo. Muri ca Gisabisho c’Umukama, Yezu Kirisitu yigishije abayoboke biwe gusaba ko Ubwami bwayo buza be n’uko ivyo Imana igomba bikorwa “mw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:9, 10). Ubu bwa vuba, igihe ubwo Bwami buzoba buganza, nta n’umwe kw’isi azogira umutima wo gukora ikibi abitumwe n’ubukene, agahahazo canke ubwikunzi. Ahubwo, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi” (Zaburi 72:16). Nkako, Yehova Imana azoronsa umuntu wese azoba ari kw’isi ibintu vyiza bitigera bihera. N’igihambaye kuruta, ikibano c’abantu kizoba kirangwamwo ugukunda Imana n’umuntu nkatwe, maze isi ntizokwigera isubira guhungabanywa n’ubukozi bw’ikibi.