‘Ntimukifatanye ata co musangiye’
NK’UKO ubibona hano, iyo ngamiya be n’iyo mpfizi y’inka ziriko zirima zisangiye ingogo ntibijanye. Iyo ngogo izifatanije, iyigenewe ibikoko bibiri bingana kandi binganya inkomezi, ituma ivyo bitungwa vyompi bimererwa nabi. Kubera Imana yitwararika ukumererwa neza kw’ibitungwa nk’ivyo bitwara ibintu, yabwiye Abisirayeli iti: “Ntihaze hagire ūrimisha inka n’indogoba azisangije ingōgo” (Gusubira mu vyagezwe 22:10). Iyo ngingo ngenderwako nyene yokora ku mpfizi y’inka n’ingamiya.
Mu bisanzwe, umurimyi ntiyari kuremereza umutwaro nk’uyo ibitungwa vyiwe. Ariko bishitse ntabe afise impfizi zibiri z’inka, yarashobora gushira ku ngōgo imwe ibitungwa bibiri yaba afise. Biboneka yuko ivyo ari vyo uwo murimyi ubona kw’ifoto wo mu kinjana ca 19 yahisemwo kugira. Kubera yuko bitaba bingana mu bunini no mu buremere, igitungwa gitoyi cabwirizwa gucumukura kugira kigume kigira hamwe na kigenzi caco, igitungwa kinini na co kikabwirizwa kwikorera umuzigo munini kuruta ico kindi.
Intumwa Paulo yarakoresheje ikigereranirizo cerekeye ugufatanya ibintu ata co bisangiye kugira atwigishe icigwa gihambaye. Yanditse ati: “Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’umuco n’umwiza bifatanya bite?” (2 Ab’i Korinto 6:14). Umukirisu yoshobora gute kwifatanya n’uwo ata co basangiye?
Uburyo bumwe bwoba ari nk’igihe umukirisu ahisemwo kwubakana n’uwo badasangiye ukwizera. Umubano nk’uyo woba utabereye kuri bompi kubera yuko uwo mugabo n’umugore boba badahuza ku bintu nyamukuru.
Igihe Yehova yatanguza umubano w’ababiranye, yahaye umugore uruhara rwo kuba “umufasha” canke “umwunganizi” (Itanguriro 2:18, NW, akajambo kepfo.). Muri ubwo buryo nyene, Imana ibicishije ku mumenyeshakazoza Malaki, yavuze ko umugore ari “umugenzi” (Malaki 2:14). Umuremyi wacu ashaka yuko abubakanye bakorera ibintu hamwe bafise ubuyobozi bumwe bwo mu vy’impwemu, bakakirana imitwaro kandi bakaharonkera ivyiza bingana.
Mu kwubaka “mu Mwami [gusa]”, umukirisu aba yerekanye ko yubaha impanuro ya Data wa twese wo mw’ijuru (1 Ab’i Korinto 7:39). Ivyo birashiriraho umushinge umubano w’ababiranye wunze ubumwe, uwo mubano ukaba ushobora gushemeza no gutera iteka Imana uko abo bubakanye bompi bayisukurira ‘bafatanije igikorwa vy’ukuri’ mu buryo budasanzwe.—Ab’i Filipi 4:3.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]
Ingamiya n’impfizi: ifoto yakuwe mu gitabu La Tierra Santa, Imbumbe ya 1, 1830