Ibibazo vy’abasomyi
Yehova yariko avuga nde igihe yavuga ngo ‘umwe muri twebwe’ mw’Itanguriro 3:22?
Biboneka yuko Yehova Imana yariko avuga we ubwiwe be n’Umwana wiwe w’ikinege igihe yavuga ati: ‘Uyo muntu ahindutse nk’umwe muri twebwe, ku vyo kumenya iciza n’ikibi’ (Itanguriro 3:22). Reka turabe igituma.
Yehova yavuze ayo majambo inyuma y’aho akubitiye intahe mu gahanga wa mugabo n’umugore ba mbere. Bamwebamwe bafashe iyo mvugo ngo ‘umwe muri twebwe’ ko ari ya mvugo yo mu bwinshi yerekana icubahiro, nk’uko nyene umwami w’umuntu yovuga ngo “ntibiduhimbara”, igihe aba ariko yivuga. Ariko rero, ku bijanye no mw’Itanguriro 1:26 no mw’Itanguriro 3:22, incabwenge yo mu vya Bibiliya Donald E. Gowan avuga ati: “Nta na hamwe mw’I[sezerano rya] K[era] hashigikira nyinshi muri izo nsobanuro zatanzwe: yaba “tu-” ikoreshwa ku batware, . . . canke “tu-” yerekana ubwinshi bw’abaperesona bagize Imana. . . . Nta n’imwe muri izo nsobanuro yumvikana m[w’Itanguriro] 3:22, ahavuga ngo ‘umwe muri twebwe’”.
Yehova yoba yariko avuga Shetani wa Mucokoranyi, uwari yaratanguye kwihitiramwo “iciza n’ikibi” akongera akosha umugabo n’umugore ba mbere kugira nk’ukwo nyene? Ivyo ntivyoba vyumvikana. Hano, Yehova yakoresheje imvugo ngo ‘umwe muri twebwe’. Shetani ntiyari akiri mu murongo w’abamarayika b’abizerwa ba Yehova, ari co gituma atari gushirwa mu bări ku ruhande rwa Yehova.
Imana yoba yariko ivuga abamarayika b’abizerwa? Nta vyo twokwemeza. Ariko rero, isano riri hagati y’imvugo ikoreshwa mw’Itanguriro 1:26 no mw’Itanguriro 3:22 iraduha iciyumviro. Mw’Itanguriro 1:26 dusoma yuko Yehova yavuze ati: “Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe”. Ayo majambo yariko ayabwira nde? Mu kuvuga ikiremwa c’impwemu cahavuye kiba wa muntu atagira agasembwa Yezu, intumwa Paulo yagize ati: “Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose: kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi” (Ab’i Kolosayi 1:15, 16). Ni vyo, bisa n’ivyumvikana yuko mw’Itanguriro 1:26, Yehova yariko avugana n’Umwana wiwe w’ikinege, wa “mukozi w’umuhanga” bari kumwe mu gihe c’ukurema ijuru n’isi (Imigani 8:22-31). Ya mvugo bisa yo mw’Itanguriro 3:22 yerekana rero yuko Yehova n’ubundi yariko avugana n’umwe somambike wiwe, wa Mwana wiwe w’ikinege.
Umwana w’ikinege w’Imana biraboneka ko yari azi “iciza n’ikibi”. Kubera yuko yamaze igihe kirekire ari kumwe na Yehova kandi akorana na we mu buryo bwa somambike, nta gukeka ko yamenye neza ivyiyumviro vya Se, ingingo ngenderwako be n’ingingo mfatirwako ziwe. Kubera ko Yehova yari azi adakeka ko Umwana wiwe azi neza ivyo bintu kandi atabihemukako, ashobora kuba yaramuhaye uburenganzira bunaka bwo gutunganya ibintu atabanje kubimucishako igihe cose. Kuri urwo rugero rero, Umwana yari ashoboye kumenya iciza n’ikibi kandi yari abifitiye uburenganzira. Ariko rero, mu buryo buhushanye na Shetani be na Adamu na Eva, we ntiyishingiye ingingo mfatirwako iteye kubiri n’iya Yehova.