“Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra”
Uravye ingene yari ameze kera n’ingene ameze ubu, Bibiliya yarahinduye uwu muntu
UMUZIKI ni bwo bwari ubuzima bwa Rolf-Michael. Ibiyayura umutwe ni vyo vyari vyaramwiziziye. Akiri muto mu Budagi, yanywa inzoga nyinshi akongera agakoresha uko yishakiye vya biyayura umutwe bikaze vyitwa LSD, kokayine, hashishi be n’ibindi bintu biyovya ubwenge.
Igihe Rolf-Michael yariko agerageza kwinjiza mu kinyegero ibiyayura umutwe mu gihugu kimwe co muri Afirika, yarafashwe hanyuma amara amezi 13 mu munyororo. Umunyororo yaciriwe waramuhaye umwanya wo kwiyumvira intumbero nyakuri y’ubuzima.
Rolf-Michael be n’umugore wiwe Ursula bararonderanye umwiheburo insobanuro y’ubuzima hamwe n’ukuri. Naho bari barabonye ibintu bitameze neza mu madini y’abiyita abakirisu, bari bafise icipfuzo gikomeye co gushika ku kumenya Imana. Bari bafise ibibazo, ariko ntibaronka inyishu zibamara akanyota mu migwi y’amadini itandukanye. Vyongeye, ayo madini nta kintu gikomeye yagize catumye bahindura ubuzima bwabo.
Amaherezo Rolf-Michael na Ursula barayaze n’Ivyabona vya Yehova. Rolf-Michael amaze gutangura kwiga Bibiliya, yarakozwe ku mutima cane n’iyi nkeburo igira iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra” (Yakobo 4:8). Yariyemeje ‘kwambura wa muntu wa kera, ni ukuvuga uburyo yahora yigenza kera hanyuma akambara umuntu mushasha yaremwe mw’ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri’.—Abanyefeso 4:22-24.
Rolf-Michael yashoboye gute kwambara wa muntu musha? Yareretswe muri Bibiliya yuko “biciye ku bumenyi ntagakosa” (NW), kamere y’umuntu ishobora ‘guhindurwa nsha ikamera nk’ishusho y’uwamuremye’, uwo na we akaba ari Yehova Imana.—Ab’i Kolosayi 3:9-11.
Uko Rolf-Michael yaronka ubumenyi ntagakosa, ni ko yarondera guhuza ubuzima bwiwe n’ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana (Yohana 17:3). Ntivyari vyoroshe guheba ibiyayura umutwe, mugabo Rolf-Michael yaratahuye agaciro ko kwiyegereza Yehova mw’isengesho no kwironkera imfashanyo yiwe (1 Yohana 5:14, 15). Yarafashijwe kandi no kwifatanya n’abari basanzwe ari Ivyabona vya Yehova, bihatira gukora ivyo Imana igomba.
Kumenya yuko isi iriko irashira be n’uko abakora ivyo Imana igomba bamaho ibihe bidashira, na vyo nyene vyarafashije Rolf-Michael. Vyatumye adahitamwo urukundo rw’isi rumara igihe gito, ariko ahitamwo imihezagiro y’ibihe bidahera y’ukugiranira ubucuti bwa hafi n’Imana y’inyarukundo Yehova (1 Yohana 2:15-17). Rolf-Michael yarakozwe ku mutima cane n’amajambo ari mu Migani 27:11 agira ati: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka”. Avugana ugukenguruka ati: “Uwo murongo urerekana ukuntu urukundo rwa Yehova rugera ibwina kubera ko aha abantu akaryo ko kunezereza umutima wiwe”.
Nk’ukwo kwa Rolf-Michael n’umugore wiwe be n’abana babo batatu, abantu ibihumbi amajana barungukiye ku gukurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya. Abantu nk’abo ushobora kubasanga mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova ari hirya no hino kw’isi. Ikibabaje, ni uko mu bihugu bimwebimwe, Ivyabona bagirizwa ibinyoma yuko ngo ari akadumbi k’ingeramizi gasambura imiryango. Ivyashikiye Rolf-Michael birerekana ko atari ukwo biri.—Abaheburayo 4:12.
Rolf-Michael avuga yuko Matayo 6:33, ahaduhimiriza gushira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere, ari co canditswe kiyobora umuryango wiwe mu nzira nziza. We n’umuryango wiwe barakengurukira cane Yehova kubona binovora ubuzima bwo mu rugo burangwa agahimbare ari abakirisu. Bafise inyiyumvo nk’izi z’umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ivyiza Uhoraho yangiriye vyose ndabimwishura iki?”.—Zaburi 116:12.
[Iciyumviro ku rup. 9]
Imana iraha abantu akaryo ko kunezereza umutima wayo
[Uruzitiro ku rup. 9]
Ingingo ngenderwako za Bibiliya ziragira ico zikoze
Mu ngingo ngenderwako za Bibiliya zatumye abenshi baheba ibiyayura umutwe vyica vyahora bibiziziye, harimwo izi zikurikira:
“Yemwe abakunda Uhoraho, ni mwanke ibibi” (Zaburi 97:10). Umuntu amaze gutahura ikibi kiri mu ngeso zishikana ku rupfu akongera agatsimbataza ukuyanka urunuka, asanga bimworoheye gukora ibihimbara Imana.
“Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka” (Imigani 13:20). Kugira ngo umuntu avavanure n’ibiyayura umutwe be n’ibindi bintu biba vyaramwiziziye, arakeneye guhitamwo yitonze abo bifatanya. Gutsimbataza ubucuti n’abakirisu bazoshigikira umwiyemezo wiwe, vy’ukuri birimwo akunguko.
“Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Amahoro yo mu mutima no mu muzirikanyi nk’ayo, nta ho ahuriye n’ikindi kintu ico ari co cose. Vyongeye, ukwiheka ku Mana umuntu abijanisha n’isengesho biramufasha guhangana n’ingorane zo mu buzima atarinze gufata ibiyayura umutwe.