Ugusenga kw’ukuri kwatumye umuryango wunga ubumwe
MARIA yari afise imyaka 13 y’amavuka igihe we hamwe na murumunawe Lucy bumva ivyerekeye Yehova babibwiwe n’umuntu w’incuti. Uwo muntu yarabasiguriye kandi icizigiro cerekeye Iparadizo izoba kw’isi. Kubera bashimishijwe, barajanye na we ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Maria yarakwegerewe n’inyigisho itomoye itangirwa ngaho. Yari itandukanye rwose n’iyo mu misa, aho ata kindi bakora atari ukwiririmbira! Bidatevye abo bana baciye batangura kwigana Bibiliya n’Icabona ca Yehova.
Musaza wabo mukuru yitwa Hugo, yashimishwa n’ivya filozofiya be n’inyigisho y’ivy’ihindagurika. Ubwiwe yavuga ko ari umuhakanamana. Mugabo igihe yari mu nyigisho za gisirikare zo gukunda igihugu, yarasomye igitabu c’umutwe uvuga ngo La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? a. Yararonse inyishu ku bibazo ata rindi dini ryoshobora kwishura. Arangije izo nyigisho, yaciye atangura gutsimbataza ukwizera Imana yari aherutse kuronka mu kwiga Bibiliya no mu kwitaba amakoraniro ari kumwe na bashikiwe. Maria na Lucy babatijwe mu 1992, hakaba hari haciye imyaka ibiri bumvise ukuri, musaza wabo na we abatizwa haciye imyaka ibiri babatijwe.
Muri ico gihe abavyeyi babo, abakurikiza cane imigenzo ya gatolika, bashimishwa buhoro n’ukuri. Babona ko Ivyabona vya Yehova ari abantu bagorana, naho nyene bashima inyifato nziza be n’ukwambara mu rupfasoni kw’Ivyabona bakiri bato abana babo baba batumiye i muhira ngo baze kubatemberera. Ikindi kandi, mu gihe co gufungura, igihe abo bana baba bariko barayaga ivyo bigiye ku makoraniro, abavyeyi babo baca babanga amatwi.
Naho ari ukwo, abo bavyeyi bompi baguma bagendera mu vy’ubupfumu. Se wabo yari umuntu w’imborerwa yama akubita nyina wabo. Hari hasigaye gato bagatandukana. Se wabo yahavuye apfungwa indwi zibiri ahorwa kwigenza nabi bitumwe n’akaborerwe. Ari mw’ibohero, yaratanguye gusoma Bibiliya. Igihe yariko arasoma, yarabonye amajambo Yezu yavuze yerekeye ikimenyetso kiranga imisi y’iherezo. Kubera yuko abo bavyeyi bompi bari bafise ibibazo bibavuruga umutwe, baragiye ku Ngoro y’Ubwami maze baremera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Bamaze kumenya ukuri, baraturiye ibitabo vyabo vyose bivuga ivy’ubupfumu hanyuma barakira ibitero vy’amashetani mu kuza barahamagara izina rya Yehova. Baratanguye kugira amahinduka aboneka muri kamere zabo.
Woba ushobora kwiyumvisha ingene Maria na Lucy akamwemwe kabaseye igihe barorera musaza wabo Hugo ariko abatiza abavyeyi babo kuri rimwe mu mahwaniro y’intara yabereye i Boliviya mu 1999? Ivyo vyabaye haciye nk’imyaka icenda Maria na Lucy bumvise ivyerekeye Yehova n’ivyo asezerana. Ubu, bo hamwe na musaza wabo Hugo, bari mu busuku bw’igihe cose. Ese ukuntu banezerewe kubona ugusenga kw’ukuri kwaratumye umuryango wabo wunga ubumwe!
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.