ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/8 rup. 3-4
  • Uriko wihesha izina irihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uriko wihesha izina irihe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ico bamwebamwe babibukirako
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Amahitamwo ashikana ku gahimbare
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ubuzima buri n’ico buvuze burashoboka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Igituma ivyo uvuga bihambaye
    Be maso!—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/8 rup. 3-4

Uriko wihesha izina irihe?

WOBA umaze gusoma amazina y’abapfuye mu kinyamakuru gisohorwa aho iwanyu canke woba umaze kubona inkuru ndende ivuga ivy’ubuzima bw’umuntu yapfuye be n’ivyo yaranguye? Woba umaze kwibaza uti: ‘Abantu bari kuba bariko bamvugako iki?’. Ni bangahe bigera biyumvira ico abantu bazobibukirako bamaze gupfa? Kubera ico rero, rimbura ibi bibazo bidakikiriza: Abantu bari kuba bariko bakuvugako iki iyo uza kuba waraye upfuye? Uriko wihesha izina irihe? Woshima ko abakuzi be n’Imana bakwibukira ku biki?

Wa mwanditsi w’inkerebutsi w’igitabu ca Bibiliya c’Umusiguzi yavuze ati: “Ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako” (Umusiguzi 7:1). Ni kubera iki umusi wo gupfa uruta umusi wo kuvukirako? Ni kubera yuko umuntu akivuka aba atarihesha izina. Nta nkuru yerekeye ubuzima bwiwe iba irabaho. Ingendo yiwe y’ubuzima izotuma agira izina ryiza canke ribi. Ku bantu bamaze imyaka n’iyindi bihesha izina ryiza, muri ubwo buryo rero umusi wo gupfa uba uruta uwo kuvukako.

Rero turafise ihitamwo. Kukaba nkako, ku musi ku musi turagira amahitamwo menshi azokwerekana izina twihesheje nitwapfa, na canecane ico Imana izotwibukirako. Ni co gituma wa Muheburayo w’inkerebutsi yanditse ati: “Kwibuka umugororotsi kurimw’umugisha, arikw izina ry’umunyavyaha rizozimangana” (Imigani 10:7). Urumva ukuntu ari agateka kwibukwa n’Imana kugira ngo iguhezagire!

Nimba turi inkerebutsi, intumbero yacu izoba iyo guhimbara Imana mu kubaho twisunga ingingo mfatirwako zayo. Ivyo bisobanura gukurikiza izi ngingo ngenderwako z’ishimikiro Kirisitu yavuze: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. Iryo ni ryo rihambaye rya mbere. Har’irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. Kur’ayo mabwirizwa yompi ivyagezwe vyose n’amajambo y’abavugishwa n’Imana ni yo vyenenako”.​—Matayo 22:37-40.

Bamwebamwe babibukira ku kuba bari abagiraneza, ku kuba baharanira agateka k’abanyagihugu, canke ku bintu bashitseko mu vy’ubucuruzi, mu vya siyansi, mu vy’ubuvuzi canke mu yindi mirimo. Ariko none, wewe woshima kwibukirwa ku biki?

Umuhinyanyuzi wo muri Ekose yitwa Robert Burns (1759-1796) yaraseruye icipfuzo c’uko Imana yoduha ingabirano yo kwibona nk’uko abandi batubona. Woba ushobora kwibona nk’uko uri koko maze ukavuga yuko ufise izina ryiza ku bandi bantu no ku Mana? Impera n’imperuka, ubucuti tugiranira n’abandi ni bwo vy’ukuri buhambaye kuruta ibintu ivyo ari vyo vyose vy’akanya gato twoba twarashitseko mu vy’inkino canke mu vy’ubudandaji. Ikibazo rero ni iki: Ni gute ivyo tugiranira n’abandi bigira ico bibakozeko, na vyo bikaba ari ibiyago vyacu, imigenzo yacu, uburyo twifata? Boba babona yuko turi abantu begereka canke bategereka? Abantu b’umutima mwiza canke baryagagurana? Abantu bagondeka canke bamudakurwa kw’ijambo? Abantu barangwa n’igishika be n’ikirorobwe canke batagira igishika n’ikirorobwe? Abantu baca abandi intege canke abantu batanga impanuro zubaka? Nimuze dusuzume uburorero bumwebumwe bwo muri kahise be n’ubwo mu gihe ca none, turabe ico twohigira.

[Ifoto ku rup. 3]

Robert Burns yipfuza ko Imana yoduha ingabirano yo kwibona nk’uko abandi batubona

[Abo dukesha ifoto]

Vyavuye mu gitabu Kahise k’Ubwongereza (mu congereza)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika