ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/7 rup. 3
  • Twoba vy’ukuri dukeneye abandi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twoba vy’ukuri dukeneye abandi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Abantu benshi barushiriza kwumva bafise irungu: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Igituma tutoshobora kuba banyamwigendako
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Abantu benshi hirya no hino kw’isi barafise irungu: Ni igiki cobafasha?
    Ibindi biganiro
  • Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha
    Ibindi biganiro
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/7 rup. 3

Twoba vy’ukuri dukeneye abandi?

“DUSUZUMYE ubuzima bwacu be n’ivyo twihatira kurangura, duca tubona yuko ibintu nka vyose dukora be n’ivyo twipfuza bifitaniye isano n’ukubaho kw’abandi bantu”. Ivyo vyavuzwe n’umunyasiyansi azwi cane yitwa Albert Einstein. Yongeyeko ati: “Dufungura imfungurwa abandi bateguye, tukambara impuzu abandi bahinguye, tukaba mu mazu abandi bubatse. . . . Umuntu ni ico ari kandi arafise ico amaze kitavuye ku kuba ari umuntu ahubwo kivuye ku kuba ari umwe mu bagize ikibano c’abantu gikomeye, kikaba kiyobora ukubaho kwiwe mu vy’umubiri no mu vy’impwemu kuva avutse gushika apfuye”.

Mu bikoko, turamenyereye kubona ubugenzi mvukanwa. Inzovu zigenda zigize umugwi, zigakingira rwose abana bazo. Intambwe z’ingore zihiga ziri kumwe kandi zigasangira ivyo zubuye n’ingabo zazo. Ibikoko bimeze nk’ibifi (dauphins) bikinira hamwe, mbere bikanakingira ibindi bikoko canke abantu bariko baroga bahuye n’ivyago.

Ariko rero, abatohoza ivy’ikibano basanze mu bantu hari ikintu gituma barushiriza kugira umwitwarariko. Nk’uko ikinyamakuru kimwe casohowe muri Megizike kibivuga, abahinga bamwebamwe batohoza ivy’ikibano bavuze yuko “imyaka mirongo ihaciye abantu bigungira ukwabo be n’ugutituka kw’umubano mu bantu, vyagize ingaruka mbi ku kibano ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika”. Ico kinyamakuru cavuze yuko “kugira ngo ico gihugu kimererwe neza hategerezwa kuba ihinduka ry’ibintu vyose mu kibano, ivyo bikaba vyasigura ko abantu basubira kubana”.

Iyo ngorane yakwiragiye canecane mu bantu baba mu bihugu biteye imbere. Abantu benshi barushiriza kugira impengamiro yo kwigungira ukwabo. Abantu bashaka ‘kubaho ukwabo’ kandi bakanka bivuye inyuma ko abandi ‘babinjirira mu buzima’. Haraseruwe iciyumviro c’uko ako gatima katumye abantu basa n’abarushiriza kugira ingorane zo mu vy’akanyengetera, intimba no kwiyahura.

Mu bijanye n’ivyo, Dogoteri Daniel Goleman yavuze ati: “Ukuba abantu bigungira ukwabo mu kibano, ni ukuvuga iciyumviro c’uko batagira uwundi muntu n’umwe babwira akabarimwo canke baguma bafitaniye ubucuti bwa hafi, birongereza ivy’uko hoshobora kuba indwara n’urupfu”. Raporo yasohowe mu kinyamakuru kimwe (Science) yashitse ku ciyumviro c’uko ukuba abantu bigungira ukwabo mu kibano ‘bituma igitigiri c’abapfa congerekana nka kurya nyene biri ku kamenyero ko kunywa itabi, ku ndwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, kw’iyongerekana ry’ibinure bigandana mu mitsi itwara amaraso, ku kuvyibuha birenze urugero be no ku kutagira imyimenyerezo y’umubiri’.

Kubera imvo zitandukanye rero, turakeneye vy’ukuri abandi. Ntitwoshobora kuba banyamwigendako. None ingorane yo kwigungira ukwawe yotorerwa umuti gute? Ni igiki catumye ubuzima bwa benshi bugira insobanuro nyakuri? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.

[Iciyumviro ku rup. 3]

“Ibintu nka vyose dukora be n’ivyo twipfuza bifitaniye isano n’ukubaho kw’abandi bantu”.​—Albert Einstein

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika