Ni igiki cabishikiye?
NOFU na No ni amazina yo muri Bibiliya y’ibisagara vyabaye imirwa mikuru ya Misiri vyigeze kuba rurangiranwa ari vyo Mofu na Tebesi. Igisagara ca Nofu (Mofu) cari mu bumanuko bw’igisagara ca Kayiro, nko ku bilometero 23 ku ruhande rw’i Burengerazuba bw’Uruzi Nili. Ariko rero, amaherezo igisagara ca Mofu caratakaje ikibanza caco co kuba umurwa mukuru wa Misiri. Mu ntango z’ikinjana ca 15 B.G.C., Misiri yararonse uwundi murwa mukuru ari wo No (Tebesi), wari mu bumanuko bw’igisagara ca Mofu nko ku bilometero 500. Mu bisigarira vy’insengero nyinshi zo mu gisagara ca Tebesi harimwo n’igisigarira c’inyubakwa ya Karnak, ikaba yabonwa ko ari yo nyubakwa nini kuruta izindi zose zubakishijwe inkingi. Igisagara ca Tebesi hamwe n’urusengero rwaco rwa Karnak vyari vyareguriwe insengo ya Amona, kizigenza w’imana z’Abanyamisiri.
None ubuhanuzi bwa Bibiliya bwari bwabuye iki ku vyerekeye igisagara ca Mofu n’ica Tebesi? Urubanza rwari rwaraciriwe Farawo wo mu Misiri be n’imana ziwe, na canecane ya mana kizigenza, ari yo “Amona ikigirwamana c’ahitwa No” (Yeremiya 46:25, 26). Isinzi ry’abasenzi basegenyuka baja ngaho ‘boranduwe’ (Ezekiyeli 30:14, 15). Kandi ukwo ni ko vyagenze. Nta kindi gisigaye ku bijanye n’insengo ya Amona atari ibisigarira vy’urusengero. Muri iki gihe, mu gice kimwe c’ahahora igisagara ca Tebesi hari igisagara citwa Louxor, mu bisigarira vyaho na ho hakaba hari utundi dusagara dutoya.
Ku vyerekeye igisagara ca Mofu, nta gisigaye atari amatongo y’abapfuye yari muri co. Umuhinga umwe mu vya Bibiliya yitwa Louis Golding avuga ati: “Mu kiringo c’ibinjana n’ibindi, Abarabu bigaruriye Misiri barakoresheje ibisigarira amahero vya ca gisagara ca Mofu bibabera ahantu bakura ibikoresho vyo kwubakisha umugwa mukuru wabo [Kayiro] hakurya y’uruzi. Uruzi Nili hamwe n’abubatsi b’Abarabu vyompi vyarafashije kugira ngo hakorwe igikorwa citondewe, kandi muri ako karere k’ibilometero n’ibilometero k’ahahoze ico gisagara ca kera ata buye na rimwe usanga riri kw’ivu ryaho ryirabura”. Emwe, nk’uko vyari vyarabuwe muri Bibiliya, igisagara ca Mofu cahindutse ‘amatongo . . . gisigara ata wukibamwo’.—Yeremiya 46:19.
Ubwo ni bubiri gusa mu burorero bwinshi bwerekana ko ubuhanuzi bwa Bibiliya butagiramwo agakosa. Isangangurwa ry’igisagara ca Tebesi n’ica Mofu riraduha imvo ikomeye yo kwizigira ubundi buhanuzi bwa Bibiliya butararanguka.—Zaburi 37:10, 11, 29; Luka 23:43; Ivyahishuriwe 21:3-5.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]
Ifoto yafashwe na courtesy of the British Museum