Nuhitemwo ubuzima budahera
ABANTU benshi ntibari bwigere bagira ibintu vyinshi bibasaba kugira amahitamwo nk’ivyo bafise ubu. Nk’akarorero, impuzu twambara, ibifungurwa dufungura, aho dukorera be n’aho tuba, kenshi ni ibintu bisaba kugira ihitamwo. Mu mihingo myinshi yo kw’isi, guhitamwo uwo muzokwubakana usanga kandi ari ikintu gikunda kugirwa. Ariko rero, Bibiliya iraduha ihitamwo riruta ayandi yose, rikaba ari ihitamwo abantu bose bashobora kugira.
Bibiliya ivuga iti: “Ubugororotsi bushikana umuntu ku bu[zima], arik’ūkurikirana ikibi aba yikwegera urupfu” (Imigani 11:19). Kandi Yezu Kirisitu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo”.—Yohana 17:3.
Vyemere, Umuremyi wacu yaraduhaye akaryo ko guhitamwo ingendo ishobora gushikana ku buzima budahera! Dutegerezwa gukora iki none kugira tuzoronke ubuzima budahera?
Nk’uko Bibiliya ibivuga, “mu nzira y’ukugororoka har’ubu[zima]” (Imigani 12:28). Turashobora kuba mu bagororotsi bari mu nzira ijana mu buzima budahera. Gute? Mu kuraba neza yuko ubuzima bwacu buhuye n’ivyo Imana igomba be n’amategeko yayo (Matayo 7:13, 14). Nimuze rero tugire ihitamwo ribereye hanyuma tuzoronke ingabirano y’Imana y’ubuzima budahera.—Abaroma 6:23.