Igitabu c’inkuru ziryoshe
UMUGENZUZI w’uturere Richard E. Byrd, yarafashe ingendo zo gutata, aragendera incuro zitanu ishinga ryitwa Antaragitike kuva mu 1928 gushika mu 1956. Kubera ko we na bagenziwe bari bafise ajenda be n’ibitabu bandikamwo ivyo babonye ku rugendo, barashoboye kumenya iyo umuyaga ugenda werekeza, barategura amakarata, bongera bararonka amakuru ahagije yerekeye iryo shinga rya Antaragitike.
Ingendo Byrd yagize zirerekana akamaro ko kugira igitabu kiza kirandikwamwo ivyabonywe ku rugendo. Muri ico gitabu, ibiba vyanditswemwo biba bikorakoranirijwemwo amakuru y’ido n’ido yerekeye urugendo rwagizwe mu bwato canke mu ndege. Ayo makuru mu nyuma umuntu arashobora kuyikorako kugira yihweze ivyabaye canke asuzume amakuru ashobora kumufasha mu zindi ngendo.
Ivyanditswe biratanga inkuru ziryoshe zerekeye umwuzure wo mu gihe ca Nowa. Uwo mwuzure wabaye ku mubumbe wose, wamaze umwaka urenga. Mu kuwitegurira, Nowa, umugore wiwe, abahungu biwe batatu be n’abagore babo bamaze imyaka 50 canke 60 bubaka ubwato, kikaba cari igisandugu amahero kingana n’imetero 133,5 z’uburebure, imetero 22,3 z’ubwaguke, n’imetero 13,4 z’amaduga. None cakorewe iki? Cakozwe kugira kizigame igitigiri kinaka c’abantu n’ic’ibikoko ngo ntibitwarwe n’umwuzure.—Itanguriro 7:1-3.
Nkako, igitabu ca Bibiliya c’Itanguriro kirimwo icokwitwa igitabu ca Nowa c’amakuru y’ivyabaye kuva umwuzure utanguye, gushika we n’umuryango wiwe bavuye mu bwato. Ico “gitabu” coba kirimwo ikintu na kimwe cotugirira akamaro muri iki gihe?