ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/4 rup. 3
  • Za Mfungurwa za Nyuma zo Ku Mugoroba ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Za Mfungurwa za Nyuma zo Ku Mugoroba ni iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zirafise insobanuro ihambaye kuri wewe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Pasika ya nyuma
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Urwo rubanza ntiruze rugucike!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova bibuka urupfu rwa Yezu mu buryo butandukanye n’ayandi madini?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/4 rup. 3

Za Mfungurwa za Nyuma zo Ku Mugoroba ni iki?

IMFUNGURWA za Nyuma zo ku Mugoroba ni iki, kandi zifise insobanuro iyihe ku bantu babayeho muri iki kinjana ca 21? Ubajije Umukirisu Imfungurwa za Nyuma zo ku Mugoroba ico ari co, azokubwira yuko ari za mfungurwa Yezu Kirisitu yasangira n’intumwa ziwe ku mugoroba, imbere y’uko urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka rushika. Kubera yuko ari zo mfungurwa za nyuma Yezu yasangiye n’abayoboke biwe b’abizerwa, zikunze kwitwa Imfungurwa za Nyuma zo ku Mugoroba. Kandi kubera yuko zatangujwe n’Umukama Yezu Kirisitu ubwiwe, izina Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba rirabereye.

Mu binjana n’ibindi, benshi barahevye ubuzima bwabo ku bintu babona ko bibereye ko bavyihebera. Zimwezimwe muri izo mpfu zaragize ico zimarira abantu bamwebamwe mu kiringo kinaka. Mugabo ubiravye, nta na rumwe muri izo mpfu zo kwitanga, naho rwoba rwarashimagijwe gute, rworuha rwegereza urwa Yezu Kirisitu mu gaciro. Ikigeretseko, muri kahise k’abantu karanzwe n’amatati, nta rupfu na rumwe rwagize ico ruhindura cane nka rwo kw’isi yose. Kubera iki?

Kugira ngo twishure ico kibazo kandi tugufashe kumenya ico za Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba zisobanura kuri wewe, turagutumiye ngo usome ikiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika