“Nararonse ivyo nari nkeneye vyose”
NK’UKO vyavuzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS), hagereranywa ko ubu abantu bashikirwa n’intuntu barenga imiliyoni 120 kw’isi yose. Uko umwaka utashe, abantu bashika umuliyoni bariyahura, abari hagati y’imiliyoni 10 na 20 na bo bakagerageza kwiyahura. Ni imfashanyo nyabaki ishobora guhabwa abishwe n’intuntu? Ukuvurwa kwoshobora kugabanya ububabare, kandi kubaremesha ni ikintu gihambaye. Bitayeko, bamwebamwe mu bafise mwene izo nyiyumvo bararonkeye iyindi mfashanyo mu bisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova vy’ingirakamaro bishingiye kuri Bibiliya, nk’uko iri kete ryavuye mu Bufaransa rivyerekana.
“Nta gihe kirekire kihaciye niyumviriye ko kubandanya kubaho ata co bimariye. Nari nasavye Imana ngo indeke nipfire. Ni nk’aho muri jewe nari narapfuye. Narasenze Yehova bimwe bikomeye ndamusaba ubuyobozi. Narafashe kandi ingingo yo gusoma igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 2002, ndaheza ndakimara mu misi itatu. Novuga yuko candemesheje rwose kandi kirakomeza ukwizera kwanje.
“Naragize ubushakashatsi mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Mbega ukuntu natangaye! Nari maze imyaka irenga 15 nsoma ivyo binyamakuru ubudahorereza, mugabo sinari bwigere ntahura ukuntu ibiganiro birimwo biremesha kandi bikabura. Biraserura urukundo rwinshi cane, iyo akaba ari kamere y’imbonekarimwe muri kino gihe. Nararonse ivyo nari nkeneye vyose.”
Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.” (Zaburi 34:18) Nta gukeka ko abantu bose bafise “imitima imenetse” canke “imitima ijanjaguritse” bashobora kuronkera indemesho be n’icizigiro ca kazoza muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova barakwiragiza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, kugira bafashe abari mu nkenero kwungukira kuri iryo soko ry’impumurizo ryahumetswe n’Imana.