ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/2 rup. 32
  • “Nta Vyinshi Nari Nzi ku Vyerekeye Imana”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Nta Vyinshi Nari Nzi ku Vyerekeye Imana”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/2 rup. 32

“Nta Vyinshi Nari Nzi ku Vyerekeye Imana”

UMUGABO umwe aba i Kerala mu Buhindi yanditse ati: “Mu mwaka uheze, Ivyabona vya Yehova barangendera hanyuma bakambwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Nari maze imyaka umunani ndi umugatolika, mugabo nta vyinshi nari nzi ku vyerekeye Imana. Muri uwo mwaka umwe wonyene, naramenye vyinshi.” Yabandanije avuga ati: “Ndahimbarwa cane n’ukumenya ko Umunara w’Inderetsi usohorwa mu ndimi 139 [ubu haciye igihe avuze ivyo, usohorwa mu ndimi 146]. Biratangaje kubona abantu b’indimi zose bariko barashika ku kumenya ubutumwa bwerekeye Imana.”

Naho abafilozofe benshi bivugisha yuko ata muntu ashobora kumenya Imana, intumwa Paulo yaratomoye neza yuko ivyo bishoboka. Igihe Paulo yariko aravugana n’umugwi umwe w’Abanyatenayi, bamwebamwe bakaba bariko barasengera ku gicaniro c’“Imana itazwi,” yavuze ati: “Iyo musenga mutayizi, ni yo mbabarira. Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, . . . [n]i yo yahaye bose ubu[zima], no guhumeka, n’ibindi vyose. Kandi yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose.”​—Ivyakozwe 17:23-26.

Paulo yahimirije abariko bamwumviriza kurondera kumenya Umuremyi kubera yuko “atari kure y’umuntu n’umwe muri twebge.” (Ivyakozwe 17:27) Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kugira ngo ushike ku kumenya Imana y’ukuri be na kamere zayo zikwegera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika