Gutekanirwa no Gushira Akanyota mu Kazi Birageramiwe
“UMUNTU wese arafise uburenganzira bwo kuronka akazi.” Ivyo vyavuzwe mu cete c’ivy’agateka ka zina muntu (Universal Declaration of Human Rights) casohowe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu (O.N.U). Ariko rero, ubwo burenganzira ntibwama bwubahirijwe. Gutekanirwa ku kazi bivana n’ibintu vyinshi, uhereye ku kuntu ubutunzi bwifashe mu gihugu ugashika ku kuntu isoko mpuzamakungu ryifashe. Naho ari uko, iyo abantu bakuwe mu kazi canke iyo bahakwa kugakurwamwo, kenshi usanga haca hakurikira imyiyerekano, imigumuko na za yegereyegere. Ibihugu biri ku rushi ni vyo bidafise iyo ngorane. Umwanditsi umwe yavuze ati: “Ijambo ‘akazi’ riracari uko ryamye kuva kera, ni ijambo rituma abantu baca bumva bamerewe nabi mu mutima.”
Hariho imvo nyinshi zituma dukenera akazi. Uretse ko katwinjiriza amahera, gatuma kandi twumva tumerewe neza mu bwenge no mu mutima. Akazi karahaza icipfuzo umuntu afise co kuba uwuri n’ico aterera mu kibano, be n’ico kugira intumbero mu buzima. Akazi kandi karahesha umuntu agateka. Ni co gituma mbere n’abantu bamwebamwe baba bafise amahera menshi anarengeye ivyo bakeneye, canke ababa bageze mu myaka yo gukukuruka, usanga bahitamwo kubandanya bakora. Emwe, akazi karahambaye cane ku buryo iyo kabuze, kenshi usanga bikwega ingorane zikomeye mu kibano.
Ku rundi ruhande, hari abantu bafise akazi mugabo ugasanga bahura n’imikazo myinshi ku kazi, gushika n’aho baba batakinezerererwa akazi kabo. Nk’akarorero, bivuye ku guhiganwa gukomeye mu vy’ubudandaji kuhari muri iki gihe, amasosiyete menshi yaragabanije abakozi kugira ngo agabanye amahera asohora. Ivyo bica biremereza abakozi basigaye kubera ko baca bategerezwa gukora ibikorwa vyinshi.
Ubuhinga bwa none, ubwitwa ko butuma umuntu arushiriza kworoherwa mu buzima, bugatuma akazi na ko karushiriza gukorwa neza, usanga ahubwo ari bwo bwongereza imikazo mu bibanza bikorerwamwo akazi. Nk’akarorero, orodinateri, fagisi, hamwe na bwa buhinga bwa Interineti bituma abantu bashobora gukorera akazi kabo i muhira inyuma y’amasaha y’akazi, ivyo bigatuma hataboneka itandukaniro hagati yo muhira no ku kazi. Hari umukozi umwe yabona yuko agatelefone ngendanwa bari baramuhaye ku kazi kameze nk’ikiziriko kitaboneka umukoresha wiwe yamuzirikishije kugira ngo azoje aramukwega igihe cose amukeneye.
Ubwoba burushiriza kwongerekana abantu benshi bitereye mu myaka bafise kubera ivy’ubutunzi n’ivy’akazi biza birahindagurika ningoga, butumwa n’uko babonwa ko batagishoboye akazi kandi bakigashoboye. Muri ivyo, uwahoze ari mu baraba ivy’Agateka ka zina Muntu, ari we Chris Sidoti, yavuze ati: “Muri rusangi hari ivyiyumviro bivuga yuko umuntu adafise imyaka iri munsi ya 40 adashobora gukoresha orodinateri n’ubuhinga bwa none.” Kubera ivyo, abakozi batari bake b’abanyamwete, abahora babonwa ko ari bo bashoboye akazi, ubu babonwa ko bashaje ku buryo ata co bakimaze. Ese ukuntu bibabaje!
Birumvikana kubona inyifato nziza ku kazi n’ukudahemukira isosiyete umuntu akoramwo vyarayamye muri iyi myaka ya vuba. Ikinyamakuru co mu Bufaransa (Libération) kivuga giti: “Igihe amasosiyete maninimanini abonye ubutunzi bugabanutse na gatoyi agaca yirukana abakozi bayo, ivyo kudahemukira isosiyete umuntu akoramwo ntibiba bikiriho. Birumvikana ko umuntu ategerezwa gukora, ariko akora nk’umucangero, ntaba agikora ku bw’ineza y’iyo sosiyete.”
Naho nyene izo ngorane zirushiriza kwongerekana, umuntu aguma yumva akeneye gukora. Muri iki gihe cacu gihindagurika ningoga na ningoga, ni gute umuntu ashobora gutsimbataza uburimbane mu kazi k’umubiri, muri ico gihe nyene akaguma atekaniwe kandi ashize akanyota mu kazi kiwe?
[Ifoto ku rup. 3]
Ubuhinga bwa none bushobora kuba bwarongereje imikazo mu bibanza bikorerwamwo akazi