Baributse Ivyabona vya Yehova Bishwe
KW’IGENEKEREZO ry’7 Ntwarante 2002, ni ho herekanwa icandiko kimwe mu gisagara ca Körmend, hakaba ari mu burengerazuba bw’igihugu ca Hongiriya. Cari icibutsa urupfu rw’Ivyabona vya Yehova batatu bagandaguwe n’Abanazi mu 1945.
Ico candiko kimanitse ku ruhome rw’inyubakwa y’icicaro c’ubu c’urwego rujejwe kuzimya umuriro, kw’ibarabara ryitiriwe Hunyadi, ari na ho iryo gandagurwa ryabereye ku mugaragaro. Ico candiko cari categuriwe kuba icibutso c’‘Abakirisu bagandaguwe bazira ko banse kwinjira mu gisoda canke gufata ibirwanisho kubera ukwemera kwabo, muri Ntwarante 1945. Antal Hőnisch (1911-1945); Bertalan Szabó (1921-1945); János Zsondor (1923-1945), 2002, Ivyabona vya Yehova.’
Igandagurwa ryabo ryabaye hasigaye gusa amezi abiri ngo Intambara ya Kabiri y’Isi Yose irangire. Ni kubera iki abo Bakirisu bishwe? Ikinyamakuru (Vas Népe) c’aho muri Hongiriya gisigura giti: “Inyuma y’aho Hitler afatiye ubutegetsi mu Budagi, abantu bahamwe, bagasinzikarizwa ubuzima, bagatabwa mu makambi y’itunatuniro n’ukwicwa bakicwa mu gihe batemeye guhakana ivyo bemera mw’idini yabo . . . si Abayahudi bonyene. N’Ivyabona vya Yehova kwari ukwo nyene. Muri Ntwarante 1945, harabaye iterabwoba rikaze mu gice c’uburengerazuba ca Hongiriya. . . . Umuce umwe w’iryo terabwoba kwari ukwambukana Ivyabona vya Yehova no kubica.”
Ibirori vyo kwerekana ico candiko vyagizwe mu biringo bibiri. Ikiringo ca mbere cabereye ku nyubakwa iberamwo ibikino y’ahitwa Batthyány Castle, mu bafashe ijambo hakaba harimwo Porofeseri Szabolcs Szita ahagarikiye ikigo c’i Budapest kirondera amakuru yerekeye ubwicanyi bwagizwe ku ntwaro y’Abanazi; László Donáth wo mu bagize urwego rw’Inama Nshingamateka rujejwe agateka ka zina muntu, ibibazo vyerekeye inkehwa n’ibijanye n’idini; hamwe na Kálmán Komjáthy, uwiboneye iryo gandagurwa, ubu akaba ari umutohozakahise w’ico gisagara. Abantu barenga 500 bari ngaho, bahavuye baja hakurya y’ico gisagara ari na ho habereye igice kigira kabiri c’ivyo birori, kukaba kwari ukwerekana ico candiko ku mugaragaro. Ivyo vyagizwe n’umukuru w’igisagara c’i Körmend, ari we József Honfi.
Mw’ikete ryiwe ryo gusezera, Ján Žsondor (János Zsondor) yahimirije abavukanyi n’abavukanyikazi biwe bakirisu kudatuntura. Yanditse ati: “Ngumiza mu muzirikanyi amajambo ya Yohani yanditse mu Vyahishuriwe 2:10, agira ati: ‘Wame uyoboka gushika ku gupfa.’ . . . Ubarire abasigaye i muhira ntibatunture, kuko ntapfuye nk’inkozi y’ikibi, ariko mpfuye nzira ukuri.”
[Ifoto ku rup. 32]
Bertalan Szabó
[Ifoto ku rup. 32]
Antal Hőnisch
[Ifoto ku rup. 32]
Ján Žondor