ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/1 rup. 32
  • “Ntubesha, Ubuzima Buraryoshe!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ntubesha, Ubuzima Buraryoshe!”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/1 rup. 32

“Ntubesha, Ubuzima Buraryoshe!”

WOBA wokwipfuza kumenya insobanuro nyakuri y’ubuzima? Icabona ca Yehova w’umwigeme umwe afise imyaka 18 yitwa Magdalena, aba mu gisagara kimwe (Szczecin) co muri Polonye, yarafashije Katarzyna bigana mw’ishure ryisumbuye kumenya insobanuro nyakuri y’ubuzima. Katarzyna yari umuntu yiyemeje icese kutemera Imana, mugabo igihe Magdalena yamuyagira ivyerekeye Bibiliya, yaragaragaje ugushimishwa nyakuri.

Naho Katarzyna yashima ivyo Magdalena yamubwira bivuye muri Bibiliya, ntiyashobora kuvyemera ngo aherezeko. Igihe Katarzyna yaganira na Magdalena ivyerekeye abagenzi b’ukuri, umusi umwe yavuze ati: “Urafise Bibiliya; urazi ingingo ngenderwako umuntu yokurikira izo ari zo be n’aho yoronderera abagenzi. Mugabo tuvuge iki none ku bantu n’ubu, n’imiburiburi badashobora kwemera izo ngingo ngenderwako?”

Ibintu vyarahindutse igihe Katarzyna yafata urugendo akaja i Londres mu Bwongereza. Yaragendeye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo ngaho mu Bwongereza, maze arakorwa ku mutima n’ubuntu bamugaragarije. Ibintu bisanzwe bamugiriye nk’ukumwugururira umuryango no kwitwararika vy’ukuri ivyo yariko aravuga vyaramukwegereye.

Igihe umwaka w’ishure mushasha watangura muri Nyakanga 2001, Katarzyna yarafashe ingingo yo kwemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya idahorereza. Ubu ariko aratsimbataza ivyo guha agaciro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi yaratanguye kuzishira mu ngiro mu buzima bwiwe bwa misi yose. Aherutse guserurira Magdalena akari ku mutima, avuga ati: “Numva umenga ndiko ntangura ubuzima bushasha.” Yaramurungikiye kandi ubutumwa bugufi akoresheje ya terefone ngendanwa buvuga buti: “Ndagukengurukiye cane ku nyigisho twagize uno musi! Ntubesha, ubuzima buraryoshe! Ni ikintu ciza ntangere kumenya uwo dukwiye gukengurukira ku bw’ico kintu.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika