Yararonse Impera Bivuye ku Gukomera kw’Ibanga
Abantu benshi b’imitima igororotse bashaka yuko ababo biga ivyerekeye imigambi y’Imana maze gutyo bakagira ubuzima buhimbaye. Igihe hari umuntu yiyeguriye Imana, abandi bantu, baba bakiri bato canke bakuze, barashobora kuba baragize ico baterera kugira ngo uwo muntu afate iyo ngingo iranga ubukerebutsi, bivuye ku kwigenza neza kwabo. Ivyo ni vyo vyashitse kuri Jearim, umwigeme w’umuyabaga wo mu gihugu ca Megizike, yatanze aka gakete gakurikira ku musi w’iteraniro ridasanzwe ry’Ivyabona vya Yehova. Kagira gati:
“Nshaka gusangira namwe umunezero n’agahimbare mfise. Reka ndababwire igituma. Haraheze imyaka 18 abavyeyi banje bize ukuri, ico gihe nkaba ntari bwavuke. Mawe yarateye imbere, maze mu nyuma twe na musazanje mutoyi turatera imbere. Twarasengera hamwe dusaba Yehova yuko dawe na we nyene yoja mu nzira ijana mu buzima. Ubu hari haciye iyo myaka 18, none uyu musi ni umusi udasanzwe rwose kuri twebwe. Dawe ahava abatizwa. Ndakengurukira Yehova kubona atazanye umuhero imbere y’uko uyu mwanya twarindiriye igihe kirekire ushika. Urakoze, Yehova!”
Mu myaka n’iyindi, umuryango w’ako kigeme nta gukeka wari ufise mu muzirikanyi ingingo ngenderwako ziri mu mpanuro yahumetswe yo muri 1 Petero 3:1, 2, iyivuga iti: “Namwe bagore n’uko, mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya.” Vyongeye na ka kigeme Jearim nta gukeka karashize mu ngiro amajambo yo mu Gusubira mu Vyagezwe 5:16, agira ati: “Wubahe so na nyoko, nk’uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze.” Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako nk’izo kandi bakarindira Yehova bihanganye, nta mazinda vyarazaniye imihezagiro Jearim n’umuryango wiwe.