ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/12 rup. 32
  • Igihe Ciza Bihebuje co Kubaho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe Ciza Bihebuje co Kubaho
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/12 rup. 32

Igihe Ciza Bihebuje co Kubaho

IGIHE uhanganye n’ibintu bigoye, woba uca wipfuza ubuzima bwiza wahorana kera? Ico gihe nuce urimbura amajambo y’Umwami w’inkerebutsi Salomo, agira ati: “Ntukavuge, uti Ni ku ki imisi ya kera iruta iy’ubu? Kuko mur’ivyo utaba ubajije ivy’ubgenge.”​—Umusiguzi 7:10.

Ni kubera iki Salomo yatanze iyo mpanuro? Ni kubera yari azi yuko kubona ibintu vyo muri kahise nk’uko biri ari imfashanyo y’agaciro mu vyo kwihanganira ibintu bidahimbaye vyo mu gihe ca none. Abipfuza ubuzima bwiza bahorana barashobora kwibagira vy’ukuri yuko iyo misi na yo nyene yari yuzuyemwo ingorane n’imidugararo kandi yuko ubuzima butigeze vy’ukuri buba agahore. Ibintu bimwebimwe vyo muri kahise bishobora kuba vyari vyiza kuruta, ariko kumbure ibindi bitari bike si ko vyari bimeze. Nk’uko Salomo yabivuze, nta bukerebutsi buri mu kwumira ku vya kahise mu buryo butabereye, kubera bigaragara yuko tudashobora gusubiza ibintu uko vyari bimeze.

Hoba hari ikibi na kimwe gishobora kuba kiri mu kwipfuza ivya kahise? Egome, mu gihe vyoramuka bitubujije kwemera guhinduka no guhuza n’uko igihe tugezemwo kimeze canke mu gihe vyoramuka bitubujije gukenguruka ibihe tubayemwo be n’icizigiro gishobora kuba icacu.

Ku bwa ngingo, ubu ni igihe ciza bihebuje co kubaho, naho ingorane zo mw’isi zirushiriza kwongerekana. Kubera iki? Kubera yuko twegereje iranguka ry’umugambi w’Imana werekeye isi yacu be n’imihezagiro y’ingoma irangwa amahoro y’Ubwami bwayo. Bibiliya isezerana iti: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.” (Ivyahishuriwe 21:4) Ico gihe, kubera yuko ibintu bizoba vyifashe neza, nta n’umwe azoba afise imvo yumvikana yo kwipfuza ubuzima bwiza yahorana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika