ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/9 rup. 32
  • ‘Nimuhariranire’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nimuhariranire’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/9 rup. 32

‘Nimuhariranire’

WOBA wemera yuko Imana yaguhariye ivyaha vyawe? Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bisa n’uko abakuze hafi nka bose bavyemera. Muganga w’indwara zo mu mutwe Loren Toussaint, akaba ari we muntu wa mbere yatanguje icigwa kibera mu Kigo ca Kaminuza y’i Michigan c’ivy’Ubushakashatsi mu vy’Ikibano, avuga ko mu Banyamerika 1.423 babajijwe, nka 80 kw’ijana bo mu bakuze barenza imyaka 45 bavuze ko Imana yabahariye ivyaha vyabo.

Mugabo, biratangaje kubona 57 kw’ijana gusa muri abo babajijwe ari bo bavuze yuko bahariye abandi. Ivyo bitigiri biratwibutsa amajambo Yezu yavuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi agira ati: “Ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na So wo mw ijuru azobaharira namwe. Ariko ni mutāharira abantu ivyaha vyabo, na So na we ntazobaharira ivyaha vyanyu.” (Matayo 6:14, 15) Vyemere, kugira Imana iduharire ivyaha vyacu, ku ruhande rumwe bivana n’uko tuba abagabirije guharira abandi.

Intumwa Paulo yaribukije Abakirisu b’i Kolosayi iyo ngingo ngenderwako. Yabahimirije ati: “Mwihanganirana, muharirana, iy’umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana.” (Ab’i Kolosayi 3:13) Ni vyo, ivyo ntivyama vyoroshe gukora. Nk’akarorero, igihe umuntu akuvuzeko amajambo asunitswe n’impwemu canke ataranga ubuntu, birashobora kugora kuyareka akarengana.

Mugabo, inyungu ziva mu guharira abandi ni nyinshi. Umuhinga mu vy’ikibano, David R. Williams yavuze ku bijanye n’ubushakashatsi bwiwe ati: “Twasanze hariho isano rikomeye canecane hagati y’uguharira abandi be n’amagara yo mu mutwe, mu Banyamerika bafise imyaka iri hagati na hagati be n’abageze mu zabukuru.” Ivyo birahuye n’amajambo y’Umwami w’inkerebutsi Salomo, uwo haheze imyaka nk’3.000 yanditse ati: “Umutima utekereje ni bgo bu[zima] bw’umubiri.” (Imigani 14:30) Naho agatima ko guharira abandi gatuma tugiranira ubucuti bwiza n’Imana be n’umuntu nkatwe, turafise imvo yumvikana yo kuba abiteguye guharirana bivuye ku mutima.​—Matayo 18:35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika