“Mwoba Muzi Igituma Ndabasubije Amahera Yanyu?”
‘YOO, urazi ukuntu nkeneye amahera!’ Ukwo ni ko Nana, inabibondo umwe yirerana abahungu batatu ari wenyene i Kaspi muri Repubulika ya Jorojiya yiyumviriye. Igihe kimwe mu gitondo, icipfuzo ciwe co kuronka amahera cararangutse. Yatoye amalari 300, amafaranga akoreshwa muri Jorojiya (ni ukuvuga nk’amarundi 113.100) hafi y’igituro c’abapolisi. Nta numwe yari hafi. Yari amahera menshi pe. Kukaba nkako, Nana ntiyari bwakubite ijisho inoti y’amalari 100 mu myaka itanu yari iheze kuva iryo faranga lari ritanguye gukoreshwa mu gihugu. Abadandaza baho ntibaronka amahera menshi nk’ayo naho baba bamaze imyaka nk’ingahe badandaza.
Nana yiyumviriye ati: ‘Aya mahera ndayakeneyeko iki nimba nzohava ntakaza ukwizera kwanje, ugutinya Imana kwanje, be na kamere yanje y’ivy’impwemu?’ Yari yaratsimbataje mwene izo kamere za gikirisu, mbere arihanganira n’uruhamo rukaze be no gukubitwa ahorwa ivyo yemera.
Igihe yaja ku gituro c’abapolisi, Nana yabonye abapolisi batanu bariko barondera ikintu bataye umutwe. Yaciye atahura yuko bariko bararondera nya mahera, maze arabegera hanyuma avuga ati: “Hoba hari ikintu mwatakaje?”
Bishura bati: “Amahera.”
“Angana gute?”
“Amalari amajana atatu!”
Nana yaciye avuga ati: “Ni je natoye amahera yanyu.” Maze abaza ati: “Mwoba muzi igituma ndabasubije amahera yanyu?” Ntibari bazi igituma.
Yabandanije ati: “Ni kubera ko ndi Icabona ca Yehova. Iyo mba ntari Icabona ca Yehova, sinari kubasubiza amahera yanyu.”
Umukuru w’igipolisi yari yatakaje nya mahera yaciye aha Nana amalari 20 mu kumukengurukira kubera yerekanye ko ari inzirabugunge.
Iyo nkuru ubwo nyene yaciye ikwiragira mu ntara yose ya Kaspi. Umusi ukurikira, hari umukobwa akora isuku yaje avuye ku gituro c’abapolisi yabwiye Nana ati: “[Wa mukuru] yama nantaryo ashira mu biro vyiwe ibitabu vyawe. Ubu ho kumbure azorushiriza kubishima cane.” Umupolisi umwe yavuze mbere ati: “Iyo abantu bose baba bari Ivyabona vya Yehova, ni bande bobaye ari abagizi ba nabi?”