ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/8 rup. 8-9
  • Barahimbawe Kuba Baramenye Gusoma!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barahimbawe Kuba Baramenye Gusoma!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/8 rup. 8-9

Barahimbawe Kuba Baramenye Gusoma!

MU MIHINGO imwimwe yo mu Mazinga ya Salomon, abantu bagera ku bice 80 kw’ijana mu Vyabona vya Yehova bariyo ubu, babwirijwe kurwana urugamba rukomeye kubera ingorane y’ukutamenya gusoma. Ivyo ntivyatumye gusa batoroherwa no kugira uruhara mu makoraniro y’ishengero agirwa ku ndwi ku ndwi gusa, mugabo kandi vyatumye birushiriza kubagora kwigisha abandi ukuri kwerekeye Ubwami. None vyoba koko bishoboka ko abakuze batari bwigere bafata n’ikaramu bamenya gusoma?

Agatabu Niwijukire Gusoma no Kwandika kasohowe n’Ivyabona vya Yehova, karakoreshejwe mu kwigisha abantu gusoma mu mashengero hafi nka yose y’Ivyabona vya Yehova ahantu hose mu Mazinga ya Salomon. Ibintu vyabaye tugiye kuvuga birerekana ingene abantu amajana bafashijwe gushika aho batera imbere biciye kuri iyo porogarama. Igihambaye kuruta, kwiga gusoma vyaratumye bashobora kurushiriza gushinga intahe neza yerekeye ukwizera kwabo.​—1 Petero 3:15.

Umumisiyonari umwe yari yatumwe gukorera mw’ishengero ririmwo abamamaji b’Ubwami barenga ijana, yabonye yuko ku nyigisho ya Bibiliya iba ku ndwi ku ndwi igirwa hakoreshejwe Umunara w’Inderetsi, bakeyi gusa ari bo wasanga bafise umwumwe ikopi yiwe bwite y’ico kinyamakuru, kandi mbere ugasanga ari bakeyi batanga insasanuro. Uti vyatumwa n’iki? Ntibari bazi gusoma. Igihe ishengero ryamenyesha yuko hashinzwe ishure ryo kwigisha gusoma no kwandika, nya mumisiyonari yaciye yitanga n’urweze rwinshi ngo abe umwigisha w’iryo shure. Ubwa mbere, abanyeshure bakeyi gusa ni bo baje, mugabo mu nyuma bidatevye, abantu barenga 40 b’imyaka itandukanye baratanguye kwitaba ivyo vyigwa.

Uti none vyavuyemwo iki? Nya mumisiyonari yigana ati: “Inyuma gatoyi y’aho hatanguriye iryo shure ry’ugusoma n’ukwandika, naragiye kw’isoko igihe c’isaha icumi na zibiri zuzuye zo mu gitondo njanywe no gusuma ibifungurwa vyo ku nzu y’abamisiyonari. Muri iryo soko nahasanze bamwe muri nya banyeshure, eka harimwo n’abana batoyi cane, banze imise hamwe n’imboga z’ivyatsi. Kubera iki? Kubera ko bashaka kuronka amahera akwiye yo kugura ikaramu n’ikaye bokoresha muri iryo shure ryo gusoma no kwandika! Mbere, ukwitaba ivyo vyigwa kwarabavyuriye umutima wo kugira umwumwe ikopi yiwe y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi.” Yongerako ati: “Ubu, mu gihe c’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi y’ishengero, abato cokimwe n’abakuze barayigiramwo uruhara, kandi usanga ibiganiro tugira bose babikerebukiye.” Uwo mumisiyonari yaranezerewe canecane igihe bane mu bitaba ivyo vyigwa basaba ko na bo bojamwo mu gikorwa co kwamamaza gikorerwa ku mugaragaro, kubera ko, nk’uko bavyivugiye, ‘ntibari bagitinya.’

Ivyiza abanyeshure bakuye muri ivyo vyigwa ntikwabaye ukumenya gusoma no kwandika gusa. Nk’akarorero, hariho Icabona umwe yari yubakanye n’umugore atizeye, uwo mugore akaba yamaze imyaka itari mike araje ishinga ishengero. Yaratera amabuye abantu igihe bamusomborokeje na gatoyi, mbere akaba yarakubita abandi bagore n’ikibando. Aho amariye kuza aritaba rimwerimwe amakoraniro ya gikirisu ari kumwe n’umugabo wiwe, yaragirira ishari umugabo wiwe gushika n’aho nya mugabo aheba akaza arambara mwene ya marori yirabura, kugira ngo umugore wiwe ntahave amwagiriza ko aza araraba abandi bagore.

Ariko rero mu nyuma gatoyi ivyo vyigwa bimaze gutangura, uwo mugore yarabajije atekereje ati: “Mubona nanje noza muri iryo shure?” Inyishu yabaye egome. Kuva ico gihe, ntiyigeze asiba icigwa na kimwe canke ikoraniro na rimwe ry’ishengero. Yarakoze aratama mu vyigwa vyiwe vyo gusoma kandi aratera imbere bimwe bitangaje, ivyo bikaba vyatumye ahimbarwa cane. Mu nyuma yabajije ati: “Mubona noshobora kugirirwa inyigisho ya Bibiliya?” Umugabo wiwe yaratanguye kwigana na we n’urweze rwinshi, kandi uwo mugore arabandanya gutera imbere mu vyo kumenya gusoma no kwandika be no mu bumenyi bwa Bibiliya.

Ku muntu w’imyaka 50 y’amavuka atari bwigere akora kw’ikaramu, vyonyene gufata ikaramu no guhingura indome bishobora kuba intambamyi ingana umusozi. Bamwe usanga batuta ku ntoke kubera ugufyondera ikaramu ku rupapuro n’inguvu nyinshi iyo bagitangura kwiga. Inyuma y’imishamvu bamara barwana urugamba rwo gufata ikaramu no kumenya kuyandikisha, abanyeshure bamwebamwe bariha akamo bamwenyura, bati: “Ubu nza nashobora kuza ndunguruza gatoyi ku rupapuro ukuboko gufashe ikaramu!” Kubona iterambere abanyeshure bagira biratuma n’abigisha banezerwa. Umwigisha umwe yavuze ati: “Kwigisha umugwi w’abanyeshure ni umunezero ntangere, kandi kenshi ugukenguruka nyakuri abanyeshure bafise ku bw’iyo ntunganyo iva kuri Yehova kenshi barakugaragaza mu gukoma amashi iyo ivyigwa biheze.”

Ivyo Vyabona ubu bazi gusoma no kwandika baranezeranywe n’abamisiyonari. Uti kubera iki? Kubera ko ubu bashobora gukoresha ubwenge bwabo mu gusoma no kwandika kugira ngo bitere iteka Yehova.

[Amafoto ku rup. 8, 9]

Abato n’abakuze barakenguruka ivyigwa vyo gusoma no kwandika

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika