ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/7 rup. 3-4
  • Umuriro Udahera Iyo Nyigisho Vyayigendeye Gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuriro Udahera Iyo Nyigisho Vyayigendeye Gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ivyo bijanye
  • Inyigisho ikwiye hose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Umuriro Udahera Urabaho Koko?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ikintu ca 2: Abanyakibi bababarizwa mu muriro udahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Umuriro Udahera Uriho Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/7 rup. 3-4

Umuriro Udahera Iyo Nyigisho Vyayigendeye Gute?

NI ISHUSHO nyabaki ijambo “umuriro udahera” rizana mu muzirikanyi wawe? Woba ubona ko ari ikibanza kirimwo umurimo nya muriro be n’amazuku nya mazuku, aho kubabarira no gucumukurira ibihe vyose? Canke kumbure ni indondoro ngereranyo y’ukuntu ibintu kanaka vyifashe canke bimeze?

Mu binjana n’ibindi, indongozi z’idini zo mu Biyita Abakirisu zagiye zemeza yuko hariho umuriro udahera urangwamwo umubabaro w’akaburarugero abanyavyaha bategerezwa kuzotahiramwo. N’ayandi madini menshi aracafise ico ciyumviro. Ikinyamakuru kimwe (U.S.News & World Report) kivuga giti: “Ubukirisu bushobora kuba ari bwo bwatumye ijambo umuriro udahera rimenyekana cane, mugabo si bwo bwonyene bwigisha iyo nyigisho. Iterabwoba ryo guhabwa igihano co kubabazwa inyuma yo gupfa, rigirwa mu madini makurumakuru nka yose yo mw’isi, eka no muri matomato nyene.” Abahindu, Ababuda, Abisilamu, Abajayini n’abo mw’idini rya Tao, bemera ko hariho ubwoko kanaka bw’umuriro udahera.

Ariko rero, abantu bo mu gihe ca none basigaye biyumvira umuriro udahera mu bundi buryo. Ico kinyamakuru duhejeje kuvuga kigira giti: “Naho hari abantu bacemera ca ciyumviro ca kera c’ikibanza kirimwo umuriro nya muriro, mu bihe vya none hariko haravyuka ivyiyumviro vy’uko ugucirwako iteka kw’akagirire ari ukuboherwa aha wenyene bimwe bibabaza, bikanavuga yuko aho bita mu muriro udahera wosanga hadashushe na gato.”

Ikinyamakuru kimwe c’Abajezwite (La Civiltà Cattolica) cavuze giti: “Umuntu aba yihenze . . . yiyumviriye yuko Imana, ikoresheje amadayimoni, iteza abantu baciriweko iteka imibabaro iteye ubwoba nk’iyo mu umuriro.” Congeyeko giti: “Ico bita ngo ni umuriro udahera, si ikibanza kinaka, ariko ni uburyo ibintu biba vyifashe, uburyo umuntu acumukuzwa n’umubabaro wo gutandukanywa n’Imana aba amerewe.” Papa Yohani Paulo wa 2 yavuze mu 1999 ati: “Ico bita ngo umuriro udahera, aho kuba ikibanza kanaka, ahubwo ni ukuntu abitandukanya n’Imana n’ibigirankana kandi batigarura bamerewe, yo soko ry’ubuzima bwose n’umunezero wose.” Ku biraba amashusho yerekana ko ari ikibanza kirurumbamwo umuriro, yavuze ati: “Yerekana ukuntu umuntu agira umubabaro mu buzima kandi akumva ataco bumaze igihe atari kumwe n’Imana.” Umuhinga mu vya kahise k’amadini Martin Marty yavuze yuko, iyo Papa adondora ko hariho “ikibanza nya kibanza kirurumbamwo imbeya, kirimwo na Shetani yambaye ibihuzu bitukura afise n’ikiyozo, abanyagihugu bari kubifata minenegwe.”

Amahinduka nk’ayo ariko araba no mu yandi madini. Raporo yashikirijwe n’urwego rujejwe ivy’inyigisho mw’Idini ry’Abangilikani yavuze iti: “Ico bita umuriro udahera, si ukubabazwa ibihe vyose, mugabo ni ihitamwo rya nyuma kandi ntabanduka ry’ingendo iteye kubiri n’Imana bimwe bishitse, ku buryo ata kindi kiba gisigaye atari guherengetera.”

Ikatikisimu yo mw’Ishengero ry’Abepisikopali ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika isobanura yuko umuriro udahera ari “urupfu rw’amazimayongo ruva ku gutera akagere Imana.” Ca kinyamakuru (U.S.News & World Report) kivuga yuko abantu barushiriza kuba benshi bariko bararemesha iciyumviro c’uko “iherezo ry’ababisha ari ugusangangurwa, atari ugucumukura ibihe vyose. . . . Baharana bavuga yuko amaherezo abatera akagere Imana ata kindi kibarindiriye atari gukurwaho ‘batongowe n’umuriro.’”

Naho impengamiro yo mu gihe ca none ari iyo kwikuramwo ivyiyumviro vy’umuriro n’amazuku, abantu benshi barabandanya kwumira ku nyigisho y’uko umuriro udahera ari ikibanza nya kibanza co gucumukuriramwo. Uwitwa Albert Mohler wo mw’Iseminari y’ivya Tewolojiya y’Ishengero ry’Ababatiste ryo mu Bumanuko y’ahitwa Louisville i Kentucky, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati: “Ivyanditswe bivuga mu buryo butomoye yuko hariho ikibanza nya kibanza c’umuriro udahera co kubabarizwamwo.” Raporo imwe, (iyataziriwe The Nature of Hell), yateguwe n’Urwego rw’Urunani rw’Amashengero ya Evanjelike, na yo ivuga iti: “Umuriro udahera, ni igihe umuntu aba azi ko yatawe kandi akaba ababara.” Yongerako iti: “Hariho ingero zitandukanye z’igihano n’ubucumukure, bivuye ku buremere bw’ivyaha vyakozwe kw’isi.”

None rero, aho bita ngo ni mu muriro udahera, coba ari ikibanza kirimwo umuriro nya muriro co gucumukuriramwo ibihe vyose canke ni ikibanza co guherengeterezwamwo? Cabure, kwoba ari ugutandukana n’Imana gusa? Umuriro udahera woba ubaho koko?

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 4]

Twihweze Muri Make Uko Inyigisho y’Umuriro Udahera Yaje

NI RYARI abivugisha ko ari Abakirisu batanguye kwemera iyo nyigisho y’umuriro udahera? Babitanguye inyuma cane y’igihe ca Yezu Kirisitu n’intumwa ziwe. Igitabu kimwe co mu Bufaransa (Encyclopædia Universalis) kivuga giti: “Igitabu Apocalypse de Pierre (Ivyahishuriwe Petero [co mu kinjana ca 2 G.C.]) ni co gitabu [kitahumetswe] c’Abakirisu catanguye kudondora ingene abacumuzi bahanirwa mu muriro udahera gutyo bakahacumukurira.”

Ariko rero, Abakuru ba Ekeleziya ba kera ntibavuga rumwe ku bijanye n’umuriro udahera. Justin Martyr, Kelementi w’i Alegizandiriya, Tertullien na Cyprien bemera yuko hariho ikibanza kirimwo umuriro nya muriro udahera. Orijeni n’umunyatewolojiya Geregori w’i Nysse biyumvira ko ico bita umuriro udahera ari ikibanza abakigiyemwo baba batandukanye n’Imana, ni ukuvuga ugucumukura ku mutima. Ku rundi ruhande, Augustino w’i Hipo, yiyumvira yuko mu co bita umuriro udahera, umuntu ahacumukurira mu mutima no ku mubiri, ico ciyumviro kikaba cakiriwe na benshi. Porofeseri J.N.D. Kelly yanditse ati: “Inyigisho ikaze y’uko inyuma y’ubu buzima abacumuzi batazoronka akandi karyo ko kwigarura, be n’uko umuriro uzobatongora utazokwigera uzima, yari yiganje ahantu hose mu kinjana ca gatanu.”

Mu kinjana ca 16, bamwe muri bene guhindura ibintu b’Abaporotisanti ari bo Martin Luther na Jean Calvin, baratahuye yuko ugucumukuzwa n’umuriro udahera ari ikigereranyo c’ukwitandukanya n’Imana ibihe bidahera. Ariko rero, iciyumviro c’uko hariho ikibanza kirimwo umuriro buriro caragarutse mu binjana bibiri vyakurikiye. Umuvugabutumwa w’Umuporotisanti Jonathan Edwards yarakunda gutera ubwoba imitima y’abakoloni b’Abanyamerika bo mu kinjana ca 18 akoresheje ibicapo vyerekana umuriro udahera.

Ariko rero, haciye igihe gito, imbeya z’umuriro udahera zatanguye kuzimata no kuyama. Ca kinyamakuru twavuga mu ntango (U.S.News & World Report) kivuga giti: “Mu kinjana ca 20, umuriro udahera wabaye nk’aho upfuye.”

[Amafoto]

Justin Martyr yemera yuko hariho ikibanza kirimwo umuriro nya muriro udahera

Augustino w’i Hipo yigishije yuko ahitwa mu muriro udahera, abantu bahacumukurira mu mutima no ku mubiri

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika