Ukwemera Kwoba Gukwiye Kuba Gushingiye ku Bwenge?
Umukuru w’iseminari y’ivya tewolojiya wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yandika ati: “Hariho abantu benshi baja mw’idini bagacika abanyedini kugira ngo gusa birinde gukoresha ububasha bwabo bwo kwiyumvira.” Yongerako ati: “Bishakira gusa gupfa kwemera ikintu ico ari co cose batarinze kuraba ko ari co.”
ICO bivamwo ni uko abantu benshi bavuga yuko bemera inyigisho z’idini, usanga batitaho na buhoro igituma bazemera canke nimba hariho ikintu cumvikana gishingiye ku kwemera kwabo. Ntibitangaje kubona idini ryaracitse ikiganiro benshi birinda kuganirako.
Ikibabaje ni uko imigenzo nk’ugukoresha ibishushanyo mw’idini no gusubiramwo amasengesho ku mutwe na vyo nyene bituma abantu badakoresha ukwiyumvira. Iyo migenzo, hamwe n’inyubakwa z’igitangaza, amadirisha y’ibiyo ahinguwe kandi asharije cane be n’imiziki ikwegera, bisa n’uko ari vyo abantu amamiliyoni bo mw’idini bagenderako. Naho amadini amwamwe yivugisha yuko ivyo yemera bishingiye kuri Bibiliya, ubutumwa bavuga ngo ‘niwizere Yesu uzokizwa’ butuma bafata minenegwe ivyo kwiga Bibiliya babigiranye ubwira. Abandi na bo bakaja mu vyo kwigisha injili bazerekeza ku kibano no kuri politike. Ivyo vyose bivamwo iki?
Ku vyerekeye ukuntu ibintu vyifashe muri Amerika yo mu Buraruko, umwanditsi umwe yandika ku vyerekeye idini yavuze ati: “Ubukirisu . . . busa n’uko buriko buratituka, [kandi] abanywanyi babwo nta co bigishwa mu bijanye n’ukwemera.” Hari umutohoji umwe yashitse kure mbere avuga ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika ari “igihugu c’abantu batigishijwe Bibiliya.” Tuvugishije ukuri, ukwo kuntu yabibonye ni na kwo kandi biri no mu bindi bihugu aho icitwa Ubukirisu bwiganje. Benshi mu batari mu madini y’Abakirisu na bonyene ntibaremesha ivyo gukoresha ubwenge ahubwo bashimika ku ndirimbo, amasengesho ajanye n’imihamuro be n’uburyo butandukanye bwo kuzirikana burimwo ivy’ibinyegezwa, aho kuba ivyiyumviro vyumvikana, vyigisha.
Yamara, mu buzima bwabo bwa misi yose, abo bantu nyene bitaho buhoro ko ivyo bemera mw’idini ari ntagakosa canke ko ari ivy’ukuri, kenshi usanga ibindi bintu biterekeye idini vyo babisuzuma bavyitondeye. Ntibigutangaza kuba umuntu agira ubushakashatsi bukomeye kugira gusa agure umuduga amaherezo azota kw’iyarara, mugabo ku vyerekeye idini arimwo akavuga ngo: ‘Nimba yari nziza ku bavyeyi banje, no kuri jewe ni nziza’?
Nimba vy’ukuri twitaho guhimbara Imana, ntidukwiye none kurimbura twitonze ko ivyo twemera biyerekeye ari ivy’ukuri? Intumwa Paulo yaravuze ivyerekeye abanyamadini bamwebamwe bo mu gihe ciwe ko bari “bafise ishaka ry’Imana; ariko [atari] mu buryo bg’ubgenge.” (Abaroma 10:2) Abantu nk’abo boshobora kugereranywa n’umukozi asiga amarangi akora agatama kugira ngo asige inzu mugabo agakoresha amabara atari yo kubera atumvirije amabwirizwa ya nyene inzu. Uwo musizi w’amarangi ashobora kuba ahimbarwa n’igikorwa ciwe, mugabo ico gikorwa nyene inzu yoba acemera?
Ni igiki Imana yemera ku biraba ugusenga kw’ukuri? Bibiliya yishura iti: “Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu, igomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri.” (1 Timoteyo 2:3, 4) Bamwebamwe bashobora kwumva yuko bidashoboka kuronka ubumenyi nk’ubwo mu madini menshi yo muri iki gihe. Mugabo niwiyumvire, nimba ivyo Imana igomba ari uko abantu bakwiye gushika ku kugira ubumenyi ntagakosa bw’ukuri, yoca ibubahisha? Nta bwo yobahisha dukurikije uko Bibiliya ivuga. Igira iti: ‘Ni warondera [Imana] uzoyibona.’—1 Ngoma 28:9.
Imana ubwayo yimenyekanisha gute ku bayirondera babigiranye umutima nziraburyarya? Inyishu tuyisanga mu kiganiro gikurikira.