Ikintu Gihambaye Kuruta Ibindi Vyose Vyabaye
ICO kintu cari urupfu rwa Yezu Kirisitu. Ni kuki rwari ruhambaye cane? Kubera impamvu nka zingahe.
Ukuba intadohoka kwa Yezu gushika ku rupfu vyatanze igihinyuza c’uko umuntu yoshobora kuguma ari intadohoka ku Mana.
Urupfu rwa Kirisitu rwarahaye akaryo abantu bamwebamwe ko kuba abaraganwa na we mw’ijuru. Rwarugururiye inzira kandi abandi bantu benshi kugira binovore ubuzima budahera mw’iparadizo kw’isi.
Mw’ijoro ry’imbere yuko apfa, Yezu yakoresheje umukate n’umuvinyu utukura bitambiye bwa bimenyetso bigereranya inkuka y’ubuzima bw’umuntu iranga urukundo yari agiye gutanga. Hanyuma abwira abigishwa biwe ati: “Murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje” (Luka 22:19) Woba uzokwibuka ico kintu gihambaye?
Ivyabona vya Yehova baragutumiye n’igishika cinshi kwifatanya na bo mu guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Uyu mwaka kizohimbazwa ku wa Kane, igenekerezo rya 28 Ntwarante, izuba rirenze. Woshobora kucitaba ku Ngoro y’Ubwami iri hafi y’aho uba. Turagusavye ubaze Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu igihe rizoberako n’aho rizobera neza na neza.