ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/10 rup. 32
  • Barakoresha Izina ry’Imana Muri Afirika yo Hagati

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barakoresha Izina ry’Imana Muri Afirika yo Hagati
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/10 rup. 32

Barakoresha Izina ry’Imana Muri Afirika yo Hagati

ABANTU benshi bo muri Afirika yo Hagati baremera Imana. Nta makenga bafise ku vy’uko ari yo Muremyi w’ibintu vyose. (Ivyahishuriwe 4:11) Ariko rero, cokimwe n’abantu benshi bo mu yindi mihingo, kenshi na kenshi barirengagiza izina ryayo ry’uruharo, ari ryo Yehova.

Abantu bo muri Afirika yo Hagati hamwe n’abo mu yindi mihingo y’isi, barerekeza kw’izina ry’Imana igihe bavuze ngo: “Izina ryawe rininahazwe” muri ca Gisabisho c’Umukama. (Matayo 6:9, UB) Mugabo, haraheze igihe kirekire abantu bakeyi ari bo bazi iryo zina. Ariko rero, uko imyaka yagiye irarengana, igikorwa co kwamamaza Ivyabona vya Yehova bakorana umwete carahinduye inyifato y’abantu ku vyerekeye ugukoresha izina ry’Imana. Muri iki gihe, izina ry’Imana rirazwi henshi kandi rikemerwa mu ndimi nyinshi z’Abanyafirika, nko mu Kizulu (uJehova), mu Kiyoruba (Jehofah), mu Kixhosa (uYehova) no mu Giswahili (Yehova). Yamara, impinduro nyinshi za Bibiliya zo muri izo ndimi ziracirinda gukoresha izina ry’Imana.

Impinduro nziza ikoresha izina ry’Imana ni Bibiliya yo mu Kizande, akaba ari ururimi ruvugwa mu mihingo ya Repubulika Centrafricaine, Sudani na Repubulika Demokaratike ya Kongo. Muri ico gice c’isi, abantu barakoresha izina ry’Imana, bakavuga Yekova mu rurimi rwabo rwa kavukire. Tutaravye ukuntu izina ry’Imana rivugwa mu rurimi runaka rwa kavukire, birahambaye ko turikoresha. Kubera iki? Kuko “umuntu wese azokwambaza izina [“rya “Yehova,” NW] azokizwa.”​—Abaroma 10:13.

[Ikarata/Ifoto ku rup. 32]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

SUDANI

REPUBULIKA CENTRAFRICAINE

REPUBULIKA DEMOKARATIKE YA KONGO

[Abo dukesha ifoto]

The Complete Encyclopedia of Illustration/J. G. Heck

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika