‘Gukomeretswa n’Umukunzi’
INTUMWA Paulo yarabonye ko bikenewe gukosora Abakirisu b’i Galatiya bo mu kinjana ca mbere. Kumbure kugira ntihagire abazobika inzika, yabajije ati: “Mbega mpinduwe umwansi wanyu no kubabgira ukuri?”—Ab’i Galatiya 4: 16.
Paulo ntiyacitse umwansi wabo ngo ni uko ‘yavuze ukuri.’ Ku bwa ngingo, yariko akora ibintu mu buryo bujanye n’ingingo ngenderwako ya Bibiliya igira iti: “[Gukomeretswa] n’umukunzi biba bitewe n’ukuri.” (Imigani 27:6) Yari azi yuko ubwibone bw’abakoze ikosa bwotumye bumva ko bakomerekejwe. Yamara rero, yari azi yuko kureka guha uwacumuye igihano akeneye vyoshobora kuba ukumubuza kugaragarizwa urukundo na Yehova Imana. (Abaheburayo 12:5-7) Kubera yuko Paulo yari umugenzi w’umwizerwa amaze igihe kirekire afise ku mutima ineza y’iryo shengero, ni co catumye atiyonjorora ngo areke gutanga impanuro ibakosora.
Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bariko bararangura ibanga bajejwe ryo “[g]uhindur[a abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . [babigisha] kwitondera ivyo [Yezu Kirisitu y]abageze vyose.” (Ni twe tubihiritse) Mu kubigira, abo Bakirisu b’inziraburyarya ntibadohoka ku kuri kwa Bibiliya gushira ku kabarore kukongera kugatera ivyatsi inyigisho zirimwo amakosa be n’inyifato itaranga ubukirisu. (Matayo 15:9; 23:9; 28:19, 20; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Aho gucika abansi bakwiye guterwa akagere, bariko baragaragaza ubwitwararitsi buranga abagenzi nyabo.
Umwanditsi wa Zaburi, abigiranye ubukerebutsi buva ku guhumekerwa n’Imana, yanditse ati: “Umugororotsi ankubise, bizoba ar’ukungirira neza; ampannye, bizoba ari nko kunsīga amavuta ya elayo mu mutwe: Umutwe wanje woye kuvyanka.”—Zaburi 141:5.