Amahoro kw’Isi—Ashoboka Gute?
AMAHORO kw’isi yoba ari hafi kuboneka? Abenshi barigeze kwiyumvira gutyo mugabo ubu barakekeranya. Dukurikije raporo imwe yavuga ivy’ingorane zerekeye kazoza kacu, yasohowe mu kinyamakuru kimwe co muri Afirika y’Epfo (Daily Mail & Guardian), “ivy’uko ngo hobayeho urutonde rushasha rukwiye amahanga haciye imyaka 10 gusa bibuwe, ubu bisa n’ibitokwizigirwa.”
Abo banditsi bazirikana ku gatima kuzuyemwo icizigiro kari kiganje mu myaka cumi gusa iheze. Wa mushamirano w’Ibihugu vya Rutura wari ukirangira, kandi indyane z’ibihugu bikomakomeye ntizari zikiriho. Mu gihe casa n’intango y’ikiringo gishasha, benshi bari biteze yuko ubwoko-muntu bwotanguye kugira iterambere riri n’ico rivuze mu vy’ugutunganya ivy’ubukene, ivy’indwara n’ivy’ingorane zerekeye ibidukikije. Iyo raporo ivuga iti: “Ivyo vyabuwe ubu bisa n’indoto nsa. Indyane zitahoraho zaradutse mu turere tutari tuzi ko vyoba; ubukene kw’isi bubandanya kwiyongera. Hariho ibihugu bibiri bishasha bifise ibirwanisho ruhonyanganda. Ishirahamwe Mpuzamakungu ntirikivugwa neza bivuye ku kuza rirananirwa kugarukira ku bantu bari mu vyago. Agatima k’umwizero kariko karasubirirwa n’ak’umwiheburo.”
Abatohoji ba Bibiliya baratahura yuko utwigoro umuntu agira, twaba ari twiza gute, tudashobora kwigera turoranirwa bimwe vyuzuye. Kuki? Kubera, nk’uko Bibiliya ibivuga, “isi yose iri muri wa mubi.” (1 Yohana 5:19) Bugingo isi iri munsi y’ububasha bwa Shetani, ntishobora kugirwa ahantu h’Iparadizo ari co Imana yari yarayiremeye.
Muri ico gihe nyene, hariho ishimikiro ry’ukutihebura. Yehova Imana asezerana kuzana amahoro kw’isi, atari mu gusanasana uru runkwekwe rw’ibintu, mugabo mu kuzana “isi nsha” aho “ukugororoka kuzobamwo.” (2 Petero 3:13) Egome, biciye ku Bwami bw’Imana, umubumbe wacu uzohindurwa ahantu ho kuba harangwa amahoro, ubuhirwe aho ubuzima n’igikorwa bizokwama biteye umunezero ku bwoko-muntu bwose bugamburuka. Ikigeretseko, Imana isezerana “[gu]hanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.” Iyo mihango ntishimikiye ku vyabuwe n’abantu bitagira ishingiro. Ahubwo, bishimikiye kw’Ijambo ritananirwa ry’Umuremyi, atazi kubesha.—Ivyahishuriwe 21:4; Tito 1:2.