Urubanza Rudasanzwe—Woba Ariho Uzoba Uri?
KU MUSI umwe w’intibagiranwa, ubu hakaba haciye imyaka irenga 3.500, Yehova Imana yarategetse ko urugo rwose rw’Abisirayeli bari abaja mu Misiri babaga umwagazi w’intama canke w’impene hanyuma bakamijagira amaraso yawo ku bishimaryango no ku mitambiko y’imiryango vy’inzu zabo. Muri iryo joro nyene, umumarayika w’Imana yararenganye inzu zari zashizweko ikimenyetso muri ubwo buryo mugabo yica abahungu b’imfura mu ngo z’Abanyamisiri bose. Niho Abisirayeli babohorwa. Mu kwibuka ivyo uko umwaka utashe, Abayuda barahimbaza Pasika.
Yezu Kirisitu agiheza guhimbaza Pasika ya nyuma yagiranye n’intumwa ziwe, yaratanguje ingaburo yari kwibukiriza urupfu rwiwe rw’inkuka. Yahaye intumwa ziwe umukate utambiwe hanyuma avuga ati: “Ni mwābīre, murye, uyu n’umubiri wanje.” Maze abaha igikombe c’umuvinyu hanyuma avuga ati: “Ni mukinywereko mwese, kukw iki ar’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha.” Yezu yaravuze kandi ati: “Murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje.” (Matayo 26:26-28; Luka 22:19, 20) Urumva rero ko Yezu yategetse abayoboke biwe kuguma bahimbaza gutyo urupfu rwiwe.
Muri uyu mwaka, uguhimbaza urupfu rwa Yezu guhurirana no ku wa Gatatu, igenekerezo rya 19 Ndamukiza izuba rimaze kurenga. Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi bazotororokana kuri uwo mugoroba udasanzwe kugira ngo bahimbaze ico Cibutso mu buryo Yezu yabisavye. Urahawe ikaze n’igishika cinshi kwifatanya natwe ka burorerezi. Turagusavye kubaza Ivyabona vya Yehova b’aho uba bakubwire igihe n’ikibanza iryo koraniro rizoberako.