ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/2 rup. 32
  • Yehova Azokwibuka Gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Azokwibuka Gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/2 rup. 32

Yehova Azokwibuka Gute?

“MANA . . . [uze unyibuke, NW].” Incuro zitari nke Nehemiya yaratakambiye Imana akoresheje ayo majambo. (Nehemiya 5:19; 13:14, 31) Ni ibisanzwe cane ko igihe abantu bihebuye bahindukirira Imana nk’ukwo, bakoresheje amajambo nk’ayo gutakamba.

Ariko, igihe abantu basaba Imana ngo ibibuke baba bafise iki mu muzirikanyi? Biragaragara ko baba bizigiye ko Imana itokwibuka gusa amazina yabo. Nta nkeka, baba bizigiye nka kumwe nyene kwa ya nkozi y’ikibi yiciwe hamwe na Yezu. Uwo, mu buryo butandukanye n’umwe wundi, yazambiye Yezu ati: “Uz’unyibuke . . . ah’uzozira mu bgami bgawe.” Uwo mugabo ntiyashaka gusa ko Yezu yibuka uwo ari we, ariko kandi yashaka ko agira ico amukoreye​—ni ukuvuga amuzure.​—Luka 23:42.

Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya yerekana yuko ku Mana “kwibuka” bisobanura kugira ico ikoze ciza. Nk’akarorero, aho isi imariye imisi 150 irengewe n’amazi y’umwuzure, “Imana yibu[tse] Nowa . . . Imana ihūhīsha umuyaga kw isi, amazi atangura kugabanuka.” (Itanguriro 8:1) Inyuma y’ibinjana, Samusoni, uwo Abafilisitiya bagize impumyi hanyuma bakamubohesha iminyororo, yasenze agira ati: “Uhoraho, ndakwinginze nyibuka, umpe se inkomezi iri rimwe gusa.” Yehova yaributse Samusoni mu kumuha inkomezi zirengeye iz’umuntu kugira ngo ashobore kwihora abansi b’Imana. (Abacamanza 16:28-30) Kuri Nehemiya we, Yehova yarahezagiye utwigoro twiwe, hanyuma ugusenga kw’ukuri kurasubizwa umutamana i Yeruzalemu.

Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.” (Abaroma 15:4) Mu gihe twibuka Yehova mu kurondera gukora ivyo agomba, nk’uko abasavyi biwe babigize muri kahise, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azotwibuka mu kudufasha kuronka utwo dukenera ku musi ku musi, mu kudufata mu mugongo mu bigeragezo duhura, no mu kuturokora niyashitsa urubanza ku batamwubaha.​—Matayo 6:33; 2 Petero 2:9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika