ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/1 rup. 17
  • Barashize Amanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Barashize Amanga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ivyo bijanye
  • Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • ‘Nuvuge Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba Wamamaza Ushize Amanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Bandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/1 rup. 17

Barashize Amanga

NTIVYAMA nantaryo vyorohera umuntu gushira amanga kugira ngo yamamaze inkuru nziza. Kukaba nkako, intumwa Paulo yavuze yuko igihe kimwe yamamaje inkuru nziza “[a]ri mu ntambara nyinshi.” (1 Ab’i Tesalonike 2:2) Mbega none “intambara” yo kwamamaza inkuru nziza yoba ikwiriye? Nta cemeza na kimwe yuko tuzoshikirwa n’ibitangaza, mugabo abasavyi b’Imana kenshi baragira akanyamuneza k’uko bashize amanga. Nurimbure uturorero tumwetumwe.

Agakobwa kamwe k’imyaka umunani y’amavuka kitwa Tara karateze yompi umwigisha wako ariko abwira abigishwa yuko mu Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose, abari mu makambi yo kurundanirizamwo imbohe z’Abayahudi bategerezwa kwambara ikibaranga c’Inyenyeri ya Dawidi isa n’umutoto ubenje. Tara yaribajije nimba yari akwiye kugira ico avuze. Yibuka ibi: “Narasenze nkanuye.” Yaciye akiriza ukuboko maze avuga ko Ivyabona vya Yehova na bo nyene bari bari muri ayo makambi, kandi bategerezwa kwambara inyabutatu isa n’umutugutu. Uwo mwigisha vyaramushimishije aca aramukengurukira. Inyishu Tara yatanze yarugururiye inzira ibindi biganiro yagiranye n’uwo mwigisha. Mu nyuma, uwo mupfasoni w’umwigisha yaraneretse isomero ryiwe ryose uko ringana ya videwo ifise umutwe uvuga ngo La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova Bahanganye n’Uruhamo rw’Abanazi).

Muri Guinée, aho ni muri Afirika yo mu Burengero, hari umwamamaji atarabatizwa akiri muto yitwa Irène yipfuje kugira iterambere mu gikenurwa ciwe. Umumisiyonari yigana Bibiliya n’uwo mukobwa yaramuremesheje kugerageza gushikiriza abanyeshure bigana kw’ishure ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Irène yaratinyatinya kubera ko abanyeshure bigana batavyakira neza. Ariko rero, abitumwe n’indemesho yahawe n’uwo mumisiyonari, Irène yarafashe ingingo yo kubanza kuganiriza umunyeshure yasa n’uwumurwanya kuruta abandi. Icatangaje Irène ni uko nya mukobwa yavyakiriye neza kandi yemerana igishika ibinyamakuru. Abandi banyeshure na bo baravyakiriye. Irène yatanze ibinyamakuru vyinshi muri ukwo kwezi kuruta ivyo yari yaratanze mu mezi atanu y’imbere yaho bifatiwe hamwe.

Mu mazinga ya Trinité hari umukurambere yumva atinyatinya cane gushikira umupfasoni ari umuyobozi w’ishure rimwe kugira ngo amwereke ukuntu ikinyamakuru Réveillez-vous! gifise akamaro mu vy’inyigisho. Naho vyari bimeze ukwo, yarashize amanga. Avuga ati: “Narasenze igihe nariko ndinjira muri ico kigo. Ntiworaba ukuntu vyantangaje igihe uwo muyobozi yanezerwa bimwe bidasanzwe.” Yaremeye kwakira ca kinyamakuru Réveillez-vous! gifise umutwe ugira ngo “Quel espoir pour les jeunes?” (Ni Icizigiro Ikihe Kihari ku Rwaruka?) kandi mbere aremera kugikoresha mu kwigisha mw’ishure. Kuva ico gihe, amaze kwakira ibinyamakuru 40 bivuga ibintu bitandukanye.

Igihe Vaughn yari akiri muto, yama nantaryo abona ko kwamamaza inkuru nziza bigoye. Avuga ati: “Narahagarika umutima, nkabira ivyuya mu biganza kandi nkavuga ncacanya​—sinashobora kuvuga nitonze.” Naho vyari bimeze ukwo, uwo musore yarabaye umukenuzi w’igihe cose. N’ico gihe nyene, ntivyama bimworohera kuganiriza abantu. Igihe kimwe, inyuma y’aho amariye umusi wamuciye intege arondera akazi, yaripfuje gushinga intahe ku muntu muri gari ya moshi, “ngo uwo musi mubi hagire n’iciza wovamwo.” Mugabo yumvise atewe ubwoba n’abarwizatunga bari muri iyo gari ya moshi ica mu kuzimu. Amaherezo, yarashize amanga araganiriza umutama yari i ruhande yiwe. Vyavuyemwo ikiganiro kirekire. Uwo mudandaza yavuze ati: “Ufise ibibazo vyiza cane ukiri muto.” Aca abaza ati: “Woba uri umunyatewologiya?” Vaughn yasubijeyo ati: “Ekaye, ndi Icabona ca Yehova.” Uwo mugabo yaratwenze avuga ati: “Ah, ubu nciye ndabitora.”

Ivyo Vyabona bose​—hamwe n’abandi batagira uko bangana​—bafise akanyamuneza kubona barashize amanga kugira bamamaze inkuru nziza. Mbega nawe woba uzobigenza ukwo?

[Ifoto ku rup. 17]

Tara

[Ifoto ku rup. 17]

Vaughn

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika