Ivangura ry’Amoko n’Ingene Idini Ivyifatamwo
“IGIHE naza muri Leta Zunze Ubumwe mu mwaka w’1978, nari nzi ko Amerika yari yaramaze gutorera umuti ingorane zayo zo kuvangura amoko, ko abirabure ari abanyagihugu nk’abandi.” Ivyo vyavuzwe na Mark Mathabane umwanditsi yavukiye muri Afirika yepfo, abajijwe n’ikinyamakuru Time. “Mu vy’ukuri, nari nasanze ivyo ari vyo; Leta Zunze Ubumwe zimeze nk’izateye intambwe cane rwose kurusha Afirika y’Epfo. Ariko naratangaye igihe nubura ko ata kintu kinini cahindutse mu mitima y’abantu.” Yubuye gute ibintu atari yiteze?
Mathabane yavuze ati: “Imwe mu masaha y’amacakubiri muri Amerika ni isaha 5 zo mu gitondo ku w’Iyinga.” Yarabonye ko no mw’isengero, abantu bagonanwa kwifatanya n’abandi b’ubundi bwoko mu gusenga. Mathabane yabajije ati: “Bafata gute ubundi bwoko mu yindi misi yo mu ndwi?” Mu kwerekana uruhara rw’inyigisho mu vy’ugutuma haba ihinduka, Mathabane yavuze ati: “Inyigisho zikugira umuntu yemera ko abantu bose bangana.”
Ivyabona vya Yehova baremera ko inyigisho ari zo zofasha, ariko bashimika canecane ku nyigisho zishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Egome, Bibiliya irabafasha gukuraho intambamyi z’ivangura rifatiye ku moko—mbere no mu bihugu ryashinze imizi. Indwi ku ndwi mu Ngoro z’Ubwami zabo, abantu b’ubwoko bwinshi baturuka mu bihugu bitandukanye barakoranira hamwe ngo bigishwe amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Nta mahera atozwa muri ayo makoraniro. Murahawe ikaze kuyazamwo!