Ubukazi Bugiye Kugenda Amazimayongo!
“Ubukazi Burageramiye Igihugu”—The New York Times, Leta Zunze Ubumwe.
“Ubukazi mu Rugo”—O Globo, Brezile.
“Ubukazi Buhiga Abakenyezi bo kw’Isi”—The Globe and Mail, Kanada.
IYO mitwe y’ibiganiro yo mu binyamakuru vyo muri Amerika y’Uburaruko n’Ubumanuko, irerekana ikintu giteye ingorane kw’isi yose. Nk’uko Ishirahamwe Mpuzamakungu Rijejwe Amagara y’Abantu kw’Isi riherutse kubivuga, “nta bwoko na bumwe bw’ubukazi butongerekanye bimwe biteye ubwoba mu myaka mirongo iheze.”
Raba ibitigiri bikurikira bitangaje:
Ubwicanyi. Muri Amerika y’Epfo no mu mazinga ya Karayibe, nta musi wijana abantu 1 250 badapfuye bahitanywe n’ubukazi. Inkurikizi yavyo ni uko “mu ca kabiri c’ibihugu vyose vyo muri iyo ntara usanga ubwicanyi ari co kintu kigira kabiri gihitana abakiri bato bamaze imyaka iri hagati ya 15 na 24.”
Ubukazi bukorerwa abana. Ugusinzikaza abana ku mubiri, ukubonona n’ukubasinzikaza mu vy’akanyengetera, ni ingorane kw’isi iyo iva ikagera. Nk’akarorero, “amatohoza yagizwe ku bakuze mu bihugu nka bingahe biteye imbere yerekana ko kuva ku bana 10 gushika kuri 15 kw’ijana usanga bononwa—benshi muri bo bakaba ari abakobwa.”
Ubukazi bukorerwa abagore. Hamaze gutohozwa ukuntu agateka ka zina muntu katubahirizwa kw’isi yose mu 1997, abashakashatsi bashitse ku ciyumviro c’uko “ubukazi bubera mu ngo bwabaye kimwe mu bintu nyamukuru vyatumye abagore bo mu bihugu nka vyose vyo kw’isi bakomereka.” (Human Rights Watch World Report 1998) Ubukazi bubera mu ngo, kubera ari ingorane ikwiye henshi mugabo itavugwa, ubu yitwa “amagume atamenyekana yo mu kinjana ca 20.”—The Globe and Mail, Kanada.
No mu misi ya Nowa nyene isi yari “yuzuye umuryano.” (Itanguriro 6:9-12) Mugabo Yehova Imana yarazigurije uwo “mwigisha w’ivyo kugororoka” be n’umuryango wiwe “aho yazana umwuzure kw isi y’abatayubaha.” Imana izokora nk’ukwo nyene muri iki gihe turimwo. Izokingira “[ab]ubaha Imana” igihe izokuriraho inkazi be n’inkozi z’ikibi hanyuma iyi si iyihindure iparadizo igihe ca ya si nshasha yasezeranywe. (2 Petero 2:4-9; 3:11-13) None ntunezerwa no kumenya ko ubukazi vuba bugiye kugenda amazimayongo?