Amahoro mw’Isi Azova He?
UGUKWIZA hose inyigisho zo mu mashure be n’idini vyoba bizozana amahoro mw’isi? Uwo ni wo mugambi Dogoteri Robert Muller afise, uwahoze ari icegera c’umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, akaba kandi ari na we yaronse Agashimwe ko mu 1989 k’ivy’Inyigisho y’Amahoro katanzwe n’Ishirahamwe UNESCO. Nk’uko vyavuzwe mu kinyamakuru kimwe, The Vancouver Sun, Dogoteri Muller “aremera adakeka yuko abanyeshure bose bo kw’isi bakwiye guhabwa icigwa cerekeye ibintu vy’ukuri be n’agaciro k’umubumbe, ukugira ubuntu hamwe n’ukutaba abanyamatati.” Ariha ishusho ry’umusi kw’isi iyo iva ikagera inzego zose zitanga inyigisho zizokwigisha abana ivyerekeye Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yuko ari co cizigiro ntangere c’amahoro. Ikinyamakuru Sun cavuze yuko yemera kandi ko “amadini yose yo kw’isi akwiye kwiyungira mw’ishirahamwe rishasha rimeze nk’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryitwa Amadini Yunze Ubumwe.” Ico gihe ni ho, “inyigisho zose z’amadini zizoremesha amahoro.”
Amahoro mw’isi yoba azoteba akahaba vy’ukuri? Ego cane! Mugabo ntazoboneka biciye ku rwego na rumwe rw’abantu. Haciye imyaka irenga 2 700 umwanditsi yahumekewe n’Imana yerekanye isoko kaminuza ry’inyigisho y’amahoro igihe yamenyesha imbere y’igihe yuko abantu b’imitima igororotse ‘bokwigishijwe na Yehova,’ kandi yuko amahoro yabo yobaye “menshi.”—Yesaya 54:13.
Bibiliya ivuga yuko Imana ari yo “itanga [amahoro].” (Abaroma 16:20) Eka no muri iki gihe nyene hariko haraba porogarama y’akaroruhore y’ukwigisha ku mubumbe wose, Yehova agakarisha ubwenge abasavyi biwe kugira ngo ‘barondere amahoro, kandi bayakurikirane,’ ‘inkota zabo bazicuremwo amasuka,’ ‘ntibabe bagisubira kwiga kurwana.’—1 Petero 3:11; Yesaya 2:2-4.
Ugusenga gushingiye ku kuri, kutarimwo uburyarya n’ibinyoma, ni kwo kwemewe kandi kugahezagirwa n’Imana. (Matayo 15:7-9; Yohana 4:23, 24) Ugusenga kw’ukuri, guhuje koko n’Ijambo ry’Imana, ni kwo kwonyene gushobora gutuma abantu babana mu mahoro no mu bumwe bakongera bagakundana vy’ukuri.—Yohana 13:35.
Kugira ngo umenye vyinshi ku bijanye n’ico Ijambo ry’Imana rivuga ku vyerekeye amahoro y’isi, turagusavye ushikire abasohoye iki kinyamakuru.