ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/12 rup. 32
  • Urukundo Ruruta Urwa Nyina w’Umwana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urukundo Ruruta Urwa Nyina w’Umwana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/12 rup. 32

Urukundo Ruruta Urwa Nyina w’Umwana

KU BITURO vy’amagarimoshi aca mu kuzimu, mu tuzu twa surwumwe tujamwo abantu bose, canke ku mabarabara acako abantu benshi, usanga hari inzoya zitabwaho na ba nyina bahejeje kuzibaruka. Rimwe na rimwe, abayora imyavu baranasanga mbere mu bikono bisukwamwo umwavu utuyoya twasaragajwe n’ukuririra ba nyina. Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru O Estado de S. Paulo, “abana batabwa ku mabarabara batera bongerekana.” Ego niko, uwo muvyeyi akiri muto yoshobora kwicuza mu nyuma ico yafatiye iyo ngingo. Yamara, aramuta naho nyene uwo mwana ashobora kuhapfira.

Woshobora kwibaza uti: ‘Bishoboka gute ngo nyina w’umwana yubahuke guta umwana wiwe aho atanazi ko azoshobora kubaho?’ Bibiliya irakoresha mwene ivyo bintu bibabaje mu kugereranya ukuntu Umuremyi wacu we ababara cane abiwe. Ivuga iti: “Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira.”—Yesaya 49:15.

Mu vy’ukuri, Imana iradufitiye urukundo rwinshi gusumvya umuntu wese yiswe nyina w’umwana, kandi irerekana ko yitwararika ivyo dukenera. Waba ukiri muto canke ukaba ukuze, ingorane yose mushobora guhura yaba imeze gute, nturi wenyene. Umuremyi wawe ashaka kugufasha kandi aritwararika yuko womererwa neza. Tubivuze mu majambo y’umwanditsi wa Zaburi, “n’iyo data na mama bonta, [Yehova, NW] azonyitorera.”—Zaburi 27:10.

Kw’isi yose, ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! bisohorwa kugira ngo bitange ubumenyi bwerekeye “[Im]ana yonyene y’ukuri” Yehova, n’Umwana wiwe Yezu Kirisitu, ari na bwo bushobora kuzanira ubuzima budahera ababwakirana ugukenguruka.—Yohana 17:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika