Ukurara Batagohetse Kwazanye Akunguko
EN’ABAMI nyene baragira ibihe barara batagohetse. Hari umutegetsi akomeye w’Umuperesi wo mu kinjana ca gatanu B.G.C., ari we Ahasuwerusi, yigeze kurara atagohetse. Kumbure kubera yiyumvira ko hoba hari igikorwa kinaka yari yirengagije, yarasavye gusomerwa amaraporo y’ibwami. Yahavuye amenya ko hari umusuku mwizerwa, Moridekayi, yari yazibiye umugambi w’igandagura ariko ntiyahabwa ishimwe. Ahasuwerusi yaciye ashinga ko iryo kosa rikosorwa bidatevye. Ingaruka nzanakunguko ivyo yakoze vyagize ku bantu b’Imana zerekana ko ukwo kudatora agatiro kw’umwami kwari kwatewe n’Imana.—Esiteri 6:1-10.
Ikorane ry’Ivyabona vya Yehova mu gisagara co muri Afirika y’Epfo c’i Hermanus ku nkengera z’ibahari, rirafise impamvu yo kwibuka ako gahimba ka Bibiliya. Bǎkoranira mu nyubakwa barihira. Bari bamaze imyaka myinshi bagerageza kugura ubwatsi bwo kwubakako Ingoro y’Ubwami yabo bwite. Amaherezo, mu 1991, ikibanza ca mbere mu bwiza caratanzwe n’Inama Mpanuzwajambo y’Igisagara.
Ariko rero, bamwe bararwanije igurishwa ry’ico kibanza ku Vyabona vya Yehova. Inyuma y’igihe c’amezi atari make, iryo korane ryamenyeshejwe ko ihagarikwa rimara imyaka itatu rigizwe ku vy’ukugurisha ubwatsi ku makeleziya, maze itangwa ry’iryo tongo rica rirasubirwako. Muri Rusama 1993, iryo korane ryarongeye kwandika, risaba iyo nama mpanuzwajambo gusubira kwihweza ingingo yafashe. Mu kwishurwa babonye ikete ry’iryungane rimwe, rivuga ko iryo hagarikwa ryari rigikora.
Mu kwa Gitugutu kw’uwo mwaka, harabaye ijoro umwe mu bahanuzwajambo b’ico gisagara yaraye atagohetse. Nya mukenyezi amaze uwo mwanya acukura mu vyegeranyo iyo nama yari yaragize kera ngo arabe ko hoba hariho ibintu bikeneye gusuzumwa. Nya kete ryanditswe n’Ivyabona risaba iyo nama gusubira kwihweza ingingo yari yafashe ryarakwegereye ubwenge bwiwe. Gutyo afata ingingo yo gushira ico kibazo ku rutonde rw’ibiri bwihwezwe mu nama itaha. Yashaka kudoma urutoke ku vy’uko Ivyabona vya Yehova bari basavye iryo tongo imbere y’uko iryo hagarikwa rigirwa ku bwatsi bugurishwa ku makeleziya.
Inyuma y’igihe cashinzwe, iryo korane ryarasaturiwe bwa bwatsi nyene ryari ryahawe mu 1991! Ni kw ibarabara rikuru, aho abagize ikorane hamwe n’abashǐmishwe bashika bitabagoye. Barubatse Ingoro y’Ubwami nziza, iyeguriwe Yehova ku wa 5 Gitugutu 1996.
Naho iryo korane ribabazwa n’ukutamererwa neza uwo muhanuzwajambo yagize kubera ukurara atagohetse, yoshobora guhozwa n’uko n’Umwami Ahasuwerusi na wene yigeze kurara atagohetse. Kandi icavuye muri ivyo bihe bibiri carazanye akunguko. Iryo korane ry’i Hermanus nta gukeka ko rikenguruka bimwe birushirije kubona bagira Ingoro y’Ubwami yabo bwite, ahagirirwa ugusenga gutyorotse be n’imenyerezwa rya gitewokarasi muri ico gisagara co ku nkengera y’ibahari gikundwa na benshi.—Abaheburayo 10:24, 25.