Iyo Ivyabona vya Yehova Baramukije
Abagatolika bakwiye kugira iki iyo hari Icabona ca Yehova aramukije ku muhana iwabo? Ikinyamakuru kimwe giherutse kwandikwa categuwe n’Ibiro vy’Ikatikisimu y’Igihugu vy’Inama y’Abasenyeri b’Ubutaliyano kivuga giti: “Ukwanka ikiyago, bikagiranwa ubuntu ariko ata gushishītira, muri ico gihe ntikuba ari ukugira umutima mubi.”
Ivyo si Abagatolika bose bavyemera, nk’uko vyerekanwa n’ikete ryarungikiwe ikinyamakuru gisohoka buri musi citwa Gazzetta del Mezzogiorno ryanditswe n’umugabo aba i Foggia, mu Butaliyano, ngo:
“Jewe si ndi Icabona ca Yehova. Ndi Umugatolika. Ariko ndatangazwa n’amategeko amwamwe Ekeleziya ihambirira ku bakirisu, ibabwira kumadika udukaratasi ku nzugi zabo two kwirukana Ivyabona vya Yehova. Abo bantu, ubiravye, ico bikorera ni ugushîra [abandi] Ijambo ry’Imana, kandi bagafasha abandi kugira ubumenyi bwa Bibiliya bugera kure birushirije. Ivyo biranyibutsa igihe Ubutaliyano bwaterwa na kolera hanyuma tugahabwa impanuro y’ukuntu twokwirinda kuyandura.
“Uko ndavyibaza, ivyo vyerekana yuko bwabundi Ekeleziya yishingira amategeko yayo bwite ku nguvu itabanje kurimbūra ivyo abakirisu bipfuza. Ariko ubu haraciye imyaka mikeyi mbonye n’Abagatolika bava ku nzu baja ku yindi, bagendera n’imihana y’Ivyabona vya Yehova nyene; kandi barabakīra, bakayaga na bo, ata n’umwe birukanye.”
Ivyabona vya Yehova ntibahata abantu ngo bemere ubutumwa bashikiriza. Ahubwo barigora kugira basabikanye n’abandi icizigiro kiri mw Ijambo ry’Imana, ico bo ubwabo basanze gihumuriza muri ibi bihe vy’umudurumbanyo. Mu kugenda bava ku muhana baja ku wundi, hamwe no mu kuyaga n’abo bahwanira ku nzira, Ivyabona vya Yehova barasabikanya inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana n’abipfuza kwumviriza.—Matayo 24:14; Ivyakozwe n’intumwa 5:42; 17:17.