Ubwo Tuzoteba Dukizwe Ibintu nk’Ibi?
AHO tugiye hose muri ino misi, tuhabona ibicapu vyerekana umunangiro, amahane, n’intambara. Mugabo intēgo y’iki kinyamakuru si ukwongereza ku nkuru mbi zose usanzwe uzi. Ahubwo iyi nsohore idasanzwe irakumenyesha ibintu-kuri na bibiri vyovyo. Ica mbere, ni uko ibimenyeshakazoza vya kera vyo muri Bibiliya vyamenyesheje vy’ukuri ivyerekeye nyinshi mu nkuru mbi z’agacamutima zo muri iki gihe cacu; ica kabiri, ni uko ico gitabu nyene c’ibimenyeshakazoza kimenyesha ivy’umusi ibintu biba nk’ivyo vyashizwe kuri iyo pica bizoharurwa mu vyahise. Nta ndwano izoba ikiriho. Amabombe, ukuraswa n’abansi bihishije, ibisasu nyegezwakuzimu, canke iterabwoba, ntibizoba bikiriho. Ivy’impfuvyi zitewe amaganya, canke impunzi zirara rubunda ntibizoba bikiriho. Isi y’amahoro nyakuri, atururuza umutima. Woba wipfuza kubona igihe mwen’ico? Turagusavye ngo wihweze ico Bibiliya ifise ivuga. Ushobora kuyironkeramwo impumurizo kuruta uko wavyiyumvira.