ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/4 rup. 30-31
  • Umubano Umaze Imyaka 403 Ubu Uri mu Ngorane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umubano Umaze Imyaka 403 Ubu Uri mu Ngorane
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/4 rup. 30-31

Umubano Umaze Imyaka 403 Ubu Uri mu Ngorane

MURI Suwede, Ekeleziya na Reta bimaze imyaka irenga 400 bigiranira ubucuti bukomeye. None uwo mubano uhuza idini n’intwaro uriko uragoyagoya.

Idini ya Luther yari yashinzwe bwa dini ya Reta mu 1593, kandi Abanyasuwede bose bǎtegerezwa kuba abaharurwa bayo babatijwe. Haciye imyaka, mu kiringo c’imyaka y’1850, hari ikintu cahinduwe. Ntivyari bikiri ngombwa ngo Abanyasuwede babatizwe; ariko rero, bagumye babonwa ko ari abaharurwa ba Ekeleziya ya Luther. Ku bw’ivyo, bǎsabwa kuriha ic’ijana c’amahera binjiza baharurwako bwa kori kugira bashigikire idini kandi barihe ibikorwa bimwebimwe idini ikorera abanyagihugu. Ubushize hari irindi hinduka riherutse kuba. Guhera mu 1952, Abanyasuwede bashobora kwiyonjorora vyemewe n’amategeko bakava muri Ekeleziya hanyuma bigatuma bakurwako ivy’ukuriha igihimba kinini c’iryo kori ritozwa n’idini.

Muri iyi myaka iheze Ekeleziya ya Luther ntiyabandanije kwifatira ibintu muri Suwede. Ivyo ntivyoretse kuba, kubera ko 10 kw’ijana mu banyagihugu bo muri Suwede ari inyambukira batari mw’idini ya Luther, ushizemwo Abayuda, Abagatolika, n’Abanyesilamu. Nuko, mu ntango zo mu 1996, Abanyasuwedi 86 kw’ijana gusa ni bo begukira Ekeleziya ya Luther, kandi ico gitigiri kirabandanya kugabanuka.

Ukwo kwirengagiza iyo dini kwongerekana kuriko kurakomeza ukutumvikana kuri hagati ya Ekeleziya na Reta. Ikizwi co, haramenyeshejwe icese ko umwami atari ngombwa ngo abe mw idini ya Luther, kandi abana bavuka ku wuri muri iyo dini ntibategerezwa guca bafatwa bwa baharurwa muri Ekeleziya ya Luther ya Reta. Vyongeye, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru The Dallas Morning News, mu mwaka w’2000 “amaparuwasi yaho hamwe na Reta azotegerezwa kugereranya hanyuma agabure amatongo yose ubu yegukira Ekeleziya. Ekeleziya itegerezwa kugabanya amahera itegekanya gukoresha buri mwaka angana n’amadolari y’Abanyamerika umuliyaridi 1,68, menshi muri yo akaba yegeranywa na Reta ibicishije ku makori.” Iki kinjana kimaze kurangira, Ekeleziya ni yo ubwayo izohora igena abasenyeri bayo.

Naho ukwirengagizwa n’igabanuka birembeje Kirisitendomu, Ivyabona vya Yehova muri Suwede barabandanya gusagarara. Annuaire des Témoins de Jéhovah 1997, iraserura ivy’uko hari abamamaji b’Ubwami bw’Imana 24 487 muri ico gihugu, n’uko hafi 10 kw’ijana muri bo babwamamaza ari abakenuzi b’abatsimvyi b’igihe cose. Benshi muri abo bariko bararamvurira uduteka turushirije two mu busuku. Nk’akarorero, mu kiringo c’iteraniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 1995, inyabubiri z’abubakanye 20 barujuje inkaratasi z’ugusaba ukumenyerezwa ubumisiyonari kw Ishure y’Ivya Bibiliya ya Gileyadi ya Watchtower. Muri ico gihe, hari haje hafi Abanyasuwede 75 batsindiye muri iryo shure mu bihe vyahise bǎriko basukura mu busuku bw’ubumisiyonari mu mihingo itari imwe y’isi. Nta mazinda, akarorero kabo keza n’amakete aremesha yabo hamwe n’ingendo bagira muri Suwede vyaragize ingaruka ivyura umwete ku bo muri iki gihe barondera ako gateka gahambaye.

Nuko, mu gihe amamiliyoni ba Kirisitendomu bariko bakubagurwa n’ugusāba kw’imitima, Ivyabona vya Yehova ‘bararirimbishwa n’umunezero wo mu mitima.’—Yesaya 65:13, 14.

[Ikarata ku rup. 30]

Suwede

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika