ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/12 rup. 32
  • Ni Bande Bazoba Abamamazanjili?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Bande Bazoba Abamamazanjili?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/12 rup. 32

Ni Bande Bazoba Abamamazanjili?

KW IHWANIRO ry’Inama y’Amasengero yo kw Isi yabaye ubu hakaba haheze hafi imyaka 40, abayitavye baringinzwe “kuvumbuka n’agatima k’ubwamamazanjili” no kwigisha amasho yabo “kugenda bamamaza Injili.” Imyaka itanu inyuma yaho, John A. O’Brien, umukuru mw idini ya Gatolika yaranditse ivyerekeye inkenero ihari y’ukwinjiza abigishwa bashasha “mu kuja kuri bo,” atari mu gupfa “kwicara i muhira.” Muri Nzero 1994 na ho, Pāpa Yohani Paulo wa II yavuze yuko atari “igihe c’uguterwa isoni n’Injili, ko ari igihe c’uko ikwiriririzwa kw isunzu ry’inzu.”

Biboneka yuko ayo materakamo yisubiriza y’uko haba abamamazanjili yaciye inyuma y’amatwi. Igihimbu kimwe co mu ntashankuru yo muri Ostraliya, Illawarra Mercury, cavuze icese ngo: “Abagatolika bibonekeje bo ku nkengera yo mu Bumanuko mu kwizera kwabo ntibashashariye kwigana ukugene Ivyabona vya Yehova babigenza.” Umushingantahe umwe yavuze yuko gusa ubwamamazanjili ‘ata buri mu mutima w’Abagatolika.’ Uwundi yazirikanye uku: “Ni vyiza ko Ekeleziya yiteza imbere, mugabo bidaciye mu kudodora ku nzugi. Ngirango biciye mu mashure canke mu dusandugu tw’amakete vyoba vyiza gusumba.” Mbere na padiri mukuru wa katedarale yaho nyene ntiyari azi neza ukuntu yosigura ivyo pāpa avuga. Yavuze ati: “Tworemesha abantu gukurikiza Injili bazi, mu buzima bwabo bwite. Niba ivyo bisigura ukudodora ku nzugi, ivyo ni ibindi.” Nya mutwe w’ico gihimbu c’amakuru usozera neza ngo: “Abagatolika ntibazokwitwararika iterakamo rya Pāpa ry’uko ngo bokwiririza.”

Naho Ubukirisu-bwitirano bwananiwe n’ukwamamaza Injili, Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitanu bariko barakurikiza ya mbwirizo ya Yezu ngo: “Ni mugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa.” (Matayo 28:19, 20; gereranya n’Ivyakozwe n’intumwa 5:42.) Ubukwiririji bagira urugi ku rundi ubu buriko burarangurwa mu bihugu birenga 230. Ubutumwa bazana ni ubwizigiza, bugashira ahabona insezeranwa z’igitangaza ziri muri Bibiliya zo muri kazoza. Ntiwoyaga na bo none nibakugendera ubutaha?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika