ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/3 rup. 32
  • “Twebwe twese turi bene mugabo umwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Twebwe twese turi bene mugabo umwe”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/3 rup. 32

“Twebwe twese turi bene mugabo umwe”

MU MYAKA ya vuba, umwikeko mu vy’idini hamwe n’amacakubiri ashingiye ku moko vyarakwiragiye kw isi yose. Ukudahuza gufatiye ku moko kwarandurukije ubwicanyi, ugusinzikariza abantu amagara, hamwe n’ubundi bukozi bw’ikibi buteye isoni. Nk’uko bishikirizwa na wa muryango mpuzamahanga wo kugarukira ikiremwa muntu, ukurenga ku gateka ka zina muntu vyaromoye abantu barenga imiliyoni 23 bo kw isi yose barata izabo barahunga mu 1994.

Mu Rwanda honyene, nk’abantu 500 000 barishwe, abandi barenga 2 000 000 na bo bakaba impunzi inyuma y’ubwicanyi bwadutse hagati y’Abatutsi hamwe n’Abahutu. Ikinyamakuru kimwe co mu Bubirigi, Le Soir, gishikiriza aya: “Ivyabona vya Yehova ni bo canecane bahamwe kubera ko banse gufata ibirwanisho.” Ivyabona vya Yehova ntibaja mu matati akoreshwamwo ibirwanisho. Naho ari ukwo, abashika amajana muri bo barishwe muri ubwo bwicanyi. Ivyo biratwibutsa amajambo Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Kuko mutar’ab’isi, . . . isi i[ra]banka.”

Hari umuryango umwe w’Ivyabona wari ugizwe na Eugène Ntabana, umukenyezi wiwe, hamwe n’abana babiri waba ku murwa mukuru, i Kigali. Igihe Eugène yaba ariko asigurira ababanyi biwe ivy’ubwitaramure bw’Abakirisu, yarakunda kuvuga ivy’igiterwa bougainvillier, igiterwa kirandaranda kigakura kivumbuka ahantu h’ubushuhe.—Matayo 22:21.

Eugène yasigura ati: “Aha i Kigali, igiterwa bougainvillier kirashurika amashurwe atukura, ay’umuyugubwe, rimwerimwe na ho ayera. Yamara yose yegukira umuryango umwe. N’abantu ni cokimwe. Naho dushobora kuba dutandukanye mu vy’amamuko, ibara ry’urukoba, canke ubwoko, twebwe twese turi bene mugabo umwe, abo mu muryango umwe w’ubwoko-muntu.”

Ikibabaje, naho umuryango wa Ntabana wari indemeshamahoro kandi ukaba wari witaramuye mu vy’intwaro, waragandaguwe n’akagwi k’abanyotewe amaraso. Ariko rero, bapfanye ubwizerwe. Turizeye tudakeka yuko Yehova Mana azoshitsa umuhango yatanze ku bw’abantu mwen’abo, bakazozurwa kugirango baragwe isi aho umwikeko uzoba warakuweho akagirire. (Ivyakozwe n’intumwa 24:15) Maze umuryango wa Ntabana hamwe n’abandi, “bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”—Zaburi 37:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika