Impumurizo mu Myaka Ine y’Intambara
MURI ya myaka ine y’intambara mw iteritwari y’ahahoze ari Yugosilaviya, abantu benshi bǎracumukujwe n’amagume hamwe n’ubukene bukomakomeye. Muri abo harimwo Ivyabona vya Yehova bangana amajana babandanije n’ubwizerwe gusenga “Imana [ihumuriza] imibabaro yose.”—2 Ab’i Korinto 1:3.
I Sarajevo, abantu baracumukujwe n’amagume yiyongeyeko y’ukuba mu gisagara kinini cari gisugerejwe mu gihe cose c’intambara. Hǎriho ubukene bw’umuyagankuba, amazi, inkwi, hamwe n’ibifungurwa. None Ikorane ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Sarajevo ryakoze gute muri ivyo bihe vy’amarushwa ntangere? Abakirisu bo mu bihugu bihegereye barahatswe ubuzima bwabo kugira babazanire ibitabarisho vyinshi. (Raba Umunara w’Inderetsi [mu gifaransa], 1 Munyonyo 1994, urupapuro 23-7.) Vyongeye, abavukanyi b’i Sarajevo barasabikanije ivyo bafise, bashimikira canecane ku bintu vy’impwemu. Mu gihe c’urusagirizo, hari Umukirisu w’umucungezi wo muri ico gisagara yatanze raporo ikurikira:
“Amahwaniro yacu turayaha agaciro cane rwose. Umukenyezi wanje na jewe, hamwe n’abandi bantu 30, twama tugenda ibirometero 15 buri gihe tuja ku mahwaniro. Rimwe na rimwe hǎratangazwa ko amazi atangwa mu bihe hagirwa amahwaniro. Abavukanyi none bogira iki? Mbega boguma i muhira canke bokwitaba amahwaniro? Abavukanyi bacu bahitamwo kwitaba amahwaniro. Abavukanyi nantaryo barafashanya; ivyo bafise vyaba ibiki, barasabikanya. Hari umuvukanyikazi mw ikorane iwacu aba ku mubari w’igisagara, hafi y’ikibira; kuri we rero biroroshe kuronka udukwi. Vyongeye akora mw ibulanjeri hanyuma bwa mushahara akaba ahembwa ifarini. Iyo bishoboka, arotsa igikate kinini hanyuma akakizana kw ihwaniro. Inyuma y’ihwaniro, kw isohokero, araha umwumwe ikimanyu.
“Birahambaye kubona ata n’umwe mu bavukanyi canke mu bavukanyikazi yigera yiyumvamwo ko yahebwe. Nta n’umwe muri twebwe azi uwuzoramukirwa gukenera imfashanyo mu gihe ibintu bimeze nabi. Mu gihe amayira yari akonje umuvukanyikazi umwe na we akaba yari arwaye, abavukanyi bakiri bato bakomeye baramujanye ku mahwaniro bagenda baramukwegera ku kibururo.
“Twese turasangira igikorwa c’ubukwiririji, kandi Yehova yarahezagiye utwigoro twacu. Yarabonye ukuntu ivyacu vyifashe nabi i Bosiniya, ariko yaraduhezagije iyongerekana—iyongerekana tutari bwabone imbere y’intambara.”
No mu zindi ntara z’ahahoze ari Yugosilaviya zitabagurwa n’intambara, Ivyabona vya Yehova baragira amongerekana naho hǎri amagume akomakomeye. Ngiyi raporo iva ku biro vy’Ivyabona vya Yehova muri Korowasiya, yerekeye umugwi umwe w’Ivyabona vya Yehova: “Abavukanyi baba i Velika Kladuša baraciye mu bihe bibabaje ntangere. Uwo muji waratewe incuro nyinshi. Abavukanyi babwirijwe gusigurira ubwitaramure bwabo ingabo z’Abakorowate, iz’Abaserebi, n’iz’imigwi itari imwe y’Abisiramu. Nta ngirango, babwirijwe kurindirako cane—kurindirako ugufungwa, ugukubitwa, inzara, ingeramizi y’urupfu. Mugabo, bose bagumye ari abizerwa kandi bakaba bafise agateka kiserukije k’ukubona umuhezagiro wa Yehova ku bikenurwa vyabo.”
Naho hǎri ayo magume, Ivyabona vya Yehova i Velika Kladuša no mu gisagara Bihać co mu micungararo, barabandanya kugira iyongerekana uko basangira n’umwete, ubutumwa bw’Imana bw’impumurizo n’ababanyi babo. Igitigiri-terane c’abamamaji b’Ubwami 26 bo muri ivyo bibanza bibiri barongōra inyigo za Bibiliya 39 zigirirwa ku muhana!