ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/10 rup. 20
  • Ivyīganwa ku Mwuzure Birashigikira Inkuru ya Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyīganwa ku Mwuzure Birashigikira Inkuru ya Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/10 rup. 20

Ivyīganwa ku Mwuzure Birashigikira Inkuru ya Bibiliya

WA Mwuzure wakwira umubumbe wose mu misi ya Nowa ni ikirukuri co mu nkuru-kahise. Amayagwa atandukanye y’iyo nkuru arasangwa mu mbarano zo ku munwa zo mu mico kama myinshi itandukanye y’irya n’ino mw isi. Mu gihugu ca Tchad, muri Afirika, akabira k’Abamusaye gasigura Umwuzure gutya:

‘Hǎrabaye umuryango umwe, waba ahantu ha kure cane. Umusi uri izina, inarugo ashaka gutegura icibo amabi ngo agitegurire abiwe. Nuko afata isekuro yiwe n’umuhini, ngo asekure intete azikuremwo ifu. Ico gihe ijuru ryari hafi cane kuruta aho riri ubu. Kukaba nkako, wari gusumburutsa ukuboko ugashobora kurikorako. Yasekuye nya ntete n’inguvu ziwe zose, nya buro asekuye bucika ifu bidatevye. Mugabo bugingo yariko arasekura, nya muhini yarawukirije kurenza atâbibonye, hanyuma atobora umwenge mw ijuru! Buno nyene, amazi menshi cane atangura gucukumbukira kw isi. Iyo ntiyari imvura isanzwe. Yaguye imisi ndwi n’amajoro ndwi gushika aho isi yose uko ingana idengêrwa n’amazi. Uko nya mvura yagwa, ni ko rya juru ryaza riradûga kugera aho ritahîrira aho riri ubu—aharehare hadashikwa. Ese ako kaziri ku bantu iyo bava bakagera! Kuva ubwo, twarahomvye agateka k’ugukoza iminwe kw ijuru.’

Birakwegēra kubona inkuru za kera zivuga ivy’umwuzure wakwiye ku mubumbe wose zíshobora gusangwa irya n’ino mw isi. Mu mico kama yo mu bihugu vya Amerika hamwe no muri ba Kavukire ba Ostraliya, hose bari n’imbarano ziwerekeye. Ido n’ido ry’ibintu rishobora kuba ritandukanye, ariko inkuru nyinshi ni izirimwo iciyumviro c’uko isi yadengērewe n’amazi, abantu bakenyi bakaba ari bo gusa barokokera mu combo gihinguwe n’umuntu. Ukuhaba gukwiragiye kw’uwo mutwe-shimikiro kurongerereza inshigikiro ku kirukuri c’uko Umwuzure ukwiye isi yose wabayeho vy’ukuri, nk’uko bishikirizwa muri Bibiliya.—Itanguriro 7:11-20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika