“Ntukabahindire Inze!”
“IGIHE umwe mu Vyabona vya Yehova, canke mbere babiri, bovuza agakengeri ko ku rugi rwawe, ntukabahindire inze!” iyo mpanuro itangwa n’ikinyamakuru Corriere della Sera. Nya kinyamakuru cariko kivuga irorerwa ryabereye i Treviso, mu buraruko bw’Ubutaliyano, aho umutarafikayi umwe yahatswe gutakaza umuliyoni urenga w’amalire (ayarenga FBU 200 000) kubera ukwirukana Ivyabona babiri bari baje kumusūra.
Nk’uko bivugwa na nya kinyamakuru, Ivyabona babiri batanguje ikiyago na nya mugabo muri aya majambo: “Uyu musi ni umusi muhire kuri wewe. Turi Ivyabona vya Yehova, tukaba turi n’ikintu c’agaciro tuguha.” Bavuze iryo, nya mutarafikayi w’imburabuntu aca ahindirako urugi, ntiyabareka ngo n’ukurangiza barangize.
Iyo nya mugabo yumviriza, yari kumenya ko nya Vyabona baje ku muhira iwe kugirango bamusubize igodomoni yiwe bari bâtoye ku ntebe yo mu busitani. Gutyo, nya Vyabona nta kindi bari gushobora kugira gisumba ugutwara nya godomoni n’ibirimwo ku gituro c’abapolisi kihegereye. Ku musi ukurikira, nya bapolisi bayisubiza iwa nyeneyo.
“Iyo umunaka wundi aja kuba ari mu kibanza c’abo [Vyabona] babiri bitǎgendeye neza,” bivugwa n’ikinyamakuru Il Gazzettino di Treviso, “ngirango yari . . . kugumya ivyo vyinshi vyari muri nya godomoni. Ariko Ivyabona vya Yehova si ukwo, bo bategerejwe kuba inzirabugunge muri vyose.”
Ni igiki gitera Ivyabona vya Yehova kuba “inzirabugunge muri vyose”? Ni urukundo bafitiye Imana na bagenzabo, mu buryo bujanye n’inyigisho za Yezu Kirisitu. (Matayo 22:37-39) Ni co gituma kandi Ivyabona vya Yehova bagenda inzu ku yindi ngo batangaze inkuru nziza yerekeye “isi nsha” y’akaroruhore yasezeranwe na Yehova Mana. Inkuru y’icizigiro mwen’iyo ni nyagaciro kuruta kure n’iyo itunga iryo ari ryo ryose ry’ibironkwa!—2 Petero 3:13.