Uwahoze Ari Umucamanza Asába Kubabarirwa—INyuma y’Imyaka 45
MW IYUMVIRIRIZO ry’imanza i Berlin, muri Myandagaro 1995, hari uwahoze ari umucamanza wo muri Sentare Ntahinyuzwa yaseruriye Icabona ca Yehova intongane yiyumvamwo kubera ikibi yari yarakoze imyaka 45 imbere yaho.
Muri Gitugutu 1950, Sentare Ntahinyuzwa ya Repubulika ya Kidemokarasi y’Ubudagi (RDA) yatangaje ko Ivyabona vya Yehova icenda bagîrwa n’ubutovyi ndwanyareta hamwe n’ubugenderezi. Babiri bǎciriwe urw’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose, hanyuma bandi indwi na bo—dushizemwo uwitwa Lothar Hörnig w’imyaka 22, akaba ari umuburanywa agira kane kw ifoto uhereye iburyo—bǎciriwe ibiringo birebire vy’ugupfungwa.
Haciye imyaka mirongwine, RDA yacitse igihimba ca Repubulika y’Ubudagi Bwunze Ubumwe. Abakuru kuva ubwo baragize ankete y’ukurondera indenganyo zimwezimwe zakozwe ahari hahoze ari RDA hanyuma bagerageza kuzana imbere y’ubutungane bene kuzikora. Indenganyo imwe mwen’iyo yabaye ugushirwa mu rukiko rwa Sentare Ntahinyuzwa kw’Ivyabona kwabaye mu 1950.
A. T., ubu akaba amaze imyaka 80, yari umwe mu bacamanza bǎkase nya rubanza igihe ivyo Vyabona icenda bǎzanwa mu rukiko. Buno aho aregewe ko yagondetse ubutungane, yararengutse imbere ya Sentare y’Intara i Berlin kugira asigure iyo ngingo yafáshe.
Mu vyo uwo yahoze ari umucamanza yabwiye sentare, yariyemereye yuko imyaka 45 imbere yaho yari yashigikiye ko basomerwa urw’uko bagîriwe, naho yari yavugiye ivy’uko bokatirwa izidakaze. Ariko iyi mburane yo yatumye asubira kwiyumvira. Kuki? Ivyabona vya Yehova bǎrahamwe n’Abanazi mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose kubera ko banse gushigikira Hitler. Inyuma y’intambara Ivyabona barasubiye guhamwa, ico gihe ho n’intwaro ya gikomunista. Ivyo vyatumye uwo mucamanza yumva “bimubabaje rwose.”
Lothar Hörnig yabwiye sentare yuko yamaze imyaka itanu n’igice apfungiwe aha wenyene kandi ntiyarekurwa ngo ave mw ibohero ry’i Brandenburg gushika 1959. Aho uwo yahoze ari umucamanza yumviye ivyavuzwe na Hörnig, yaciye aturikisha ararira. “Ndasavye cane imbabazi,” ni ko yavuze asévagura. “Ndasavye se mungirire ikigongwe.” Hörnig yaremeye kumubabarira.—Gereranya na Luka 23:34.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]
Neue Berniler Illustrierte