Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
Bavukanyi na bashiki bacu bakundwa,
Mu butumwa Yezu yarungikiye ishengero ry’i Simuruna, yavuze ati: «Ntutinye ibigira bigushikire.» (Ivyah. 2:10) Iyo ndemesho yabahaye yo kutagira ubwoba iraturaba na twebwe tubayeho «mu musi w’Umukama.» (Ivyah. 1:10) Vy’ukuri, tubayeho mu «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira», kandi turakorwa ku mutima cane no kubona abasavyi b’Imana bo hirya no hino kw’isi baguma ari intahemuka igihe bariko barashikirwa n’ibintu bigerageza ukwizera kwabo.—2 Tim. 3:1-5.
Ni igiki none codufasha kuguma dushikamye, ntidutekerwe n’ubwoba? (Heb. 10:39) Ntivyama vyoroshe kubera ko bishika bakaturwanya canke mbere bakaduhama. Ariko, turashobora kuguma ku ruhande rwa Yehova tubigiranye umutima rugabo, tugakora ibigororotse naho twoba turi abanyamasoni canke tukaba tutarinda. Ni igiki none codufasha?
Ijambo ry’Imana ryahumetswe rirashobora kudufasha kugira umutima rugabo. Ririmwo uburorero bwinshi bw’abagabo n’abagore bagaragaje umutima rugabo. Iki gitabu kigenewe kudufasha kwiga ivyo bakoze no kuzirikana uburorero bwabo. Igihe usoma inkuru zabo, nusenge Yehova umusabe agufashe kubona ingene uburorero bwabo bwogufasha mu ngorane zigushikira ubu, n’izizogushikira muri kazoza. Nurabe ingene Yehova yogufasha kugira umutima rugabo. Nurabe kandi ingene umutima rugabo abo bantu bagaragaje wogufasha gukora ibi bikurikira:
Kujana n’amahinduka. (Yak. 3:17) Igihe Yehova yanka Sawuli ahubwo agahitamwo Dawidi ngo azobe umwami, Yonatani yarabaye intahemuka kuri Yehova, aragaragaza n’umutima rugabo. Yarashigikiye iyo ngingo Yehova yari yafashe.
Kwumira ku ngingo ngenderwako zigororotse. (Heb. 11:32-34) Hananiya, Mishayeli na Azariya baremeye gupfa aho guhemukira Yehova ngo basenge ikigirwamana.
Kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. (Mat. 22:16) Sawuli w’i Taruso yarabwiye ukuri kwerekeye Yezu abantu bari biteze ko yobafashije guhama abigishwa ba Yezu.
Dusenga dusaba ko iki gitabu cogufasha gukomeza ukwizera n’umutima rugabo. (Zab. 27:14) Ese Yehova yoguhezagira uko ufasha incuti zawe n’abo mw’ishengero kugira bashigikire Ubwami bw’Imana babigiranye umutima rugabo!
Abavukanyi banyu,
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova