Intangamarara y’igihimba ca 8
Yehova yarahaye Salomo ubwenge bwinshi aramutera n’agateka ko kwubaka urusengero, ariko Salomo yahavuye amuheba. Nimba uri umuvyeyi, nusigurire umwana wawe ingene abantu badasenga Yehova batumye na Salomo aheba kumusenga. Ubwami bwarigabuyemwo kubiri, kandi abami babi baratumye Abisirayeli bisuka mu buhuni n’ugusenga ibigirwamana. Abahanuzi ba Yehova benshi baragiriwe nabi bongera baricwa. Yezebeli yaratumye ubwami bwo mu buraruko bwimonogoza mu buhuni. Cari igihe kigoye cane muri kahise ka Isirayeli. Ariko hari hakiriho abasavyi ba Yehova b’abizigirwa benshi, nk’umwami Yehoshafati n’umuhanuzi Eliya.